Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/10/2020

Publié le 2 octobre 2020 par Rédaction

I. Abasirikare bari bageze kuja mu karuhuko ko mu za bukuru bari biteguye kuja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya, basanze bakuwe ku ntonde z’abazogenda muri ico gikorwa. Abakuwemwo bagizwe aha nini n’abahoze mu gisirikare ca kera ex FAB, n’abahoze mu muhari FNL. Abahoze mu muhari CNDD-FDD bobo bagumijwemwo, ivyo bikaba vyateye amakenga bidasanzwe abakuwe kuri izo ntonde.

II. Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi burifuza kugombora abasirikare bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Somaliya, bukoresheje uburyo bwabwo, bugaheza bugasaba kuzosubizwa uburyo bwakoresheje n’ubumwe bw’Africa, ibiteye amakenga kuko atariko bisanzwe bikorwa. Aho ni mu gihe kandi abo bifuza kugombora bamaze amezi icenda badahembwa.

III. Umushikiranganji w’indero aramenyesha ko ibintu bishobora kuyangara muri kaminuza y’Uburundi, mu bijanye n’imibano n’akazi, mu gihe hasigaye igihe gito ngo umwaka w’ishule utangure. Mw’ikete uwo mushikiranganji Gaspard BANYANKIMBONA yandikiye umushikiranganji wa mbere italiki 30 Nyakanga guheze, agaha ikopi umukuru w’igihugu n’icegera ciwe, arasigura ko ico cuka kiva ku ngingo yo gukuraho umushahara w’abakukurutse yafashwe mu kwezi kwa kane uyu mwaka.

IV. Bamwe mu banyagihugu bo ku mitumba ya Kazirabageni na Kiderege mu ntara ya Makamba, barateye igikumu kw’ikete ryo kwiyamiriza igarukanwa rya Mohammed Kabura yari asanzwe atwara Zone Kazirabageni kuva mu mwaka wa 2015. Yagirizwa kutaja inama n’abatwara, n’ukudadanza inzoga za magendo.

V. Inzu zirenga 30 zo muri karitiye Runanira ya III yo muri komine Kirundo zarabomowe n’imvura nyinshi, yaguye kuri uyu wa kane, abarongoye komine ya Kirundo basaba abagiraneza kugarukira ku miryango iri mu ngorane.

VI. Amajambo yashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru aratangaje, aho yavuze ko Ubumwe bwa Bulaya bwafatiye ibihano Uburundi aribwo bwosaba imbabazi. Bishikirizwa na Emmanuel Nkengurutse yigeze kuba umukenguzamateka mu gihugu c’Uburundi, akavuga ko ahubwo ari Uburundi bwosaba imbabazi, kuko ari bwo bwahonyanze amasezerano mu kutubahiriza agateka ka muntu.

Ibindi bisa n'ibi