Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu hamwe n’umushoferi wabo bamaze imisi 12 bafungiwe mu ntara ya Bubanza. Kuri uyu musi, igenekerezo rya 2 Munyonyo, amakungu yahariye ukurwanya ukudahana amabi akorerwa abamenyeshamakuru, urunani rw’abamenyeshamakuru bo muri afrika FAJ rusaba ko borekurwa. FAJ igasaba n’ayandi maleta yo muri afrika kurandurana n’imizi ukudahana amabi akorerwa abamenyeshamakuru n’ibinyamakuru biri mu kazi kavyo.
Mw’ijambo ryashikirijwe na Antonio Guterres umunyamabanga wa ONU yibukije ko mu gihe abamenyeshamakuru bariko barahigwa buhongo, ari abanyagihugu bose muri rusangi baba bariko baratotezwa. Uyu musi rero ukaba wagiyeho kuva mu mwaka wa 2013.
Abantu batatu barishwe , abandi batatu barakomereka mu gitero c’abantu bataramenyekana bitwaje inkoho mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu mu bunywero buri kuri avenue Muyinga muri zone ya Rohero. Igipolisi kimenyesha ko catanguye amatohoza.
Umutama w’imyaka 64 yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana bamusanze ku kazi. Mbonihankuye Didasi yari umunyezamu ku biro vy’umuyobozi w’indero muri komine Kayanza . Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro ku mutumba Kirema uri mu gisagara ca Kayanza zimenyesha ko mu kwicwa biboneka ko yakubiswe ubuhiri mu mutwe. Amagufuri yose yari yugarije urugi rwinjira mu biro vy’umuyobozi w’indero muri iyo komine aho uwishwe yari acungereye yaramenwe, imashini nyabwonko n’icuma gitanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba biribwa. Bukaba bugize kabiri ibikoresho mw’ivyo biro vyibwa. Uwo yishwe nawe agize gatatu mu gisagara ca Kayanza mu kiringo c’ukwezi kumwe.
Abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba baratabariza umwe muribo yakuwe mu bitaro vya Prince Régent Charles muri iyi ndwi mu gihe ubuzima bwiwe bubangamiwe n’indwara. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’icegera c’uwurongoye ibohero Kayanda Samuel. Muri iki gihe, abanyororo bo mu mpimba basaba ko Major Joseph Nimpaye yosubizwa kwa muganga kuko ashobora kwitaba Imana mu gihe atacokorwa.
Impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi ya Tanzaniya zirodogera leta ya Tanzaniya ko iguma ifata ingingo zibakandamiza. Ivyo bakabivuga kubera mw’ikambi y’i Nyarugusu baraye bamenyeshejwe ko guhera kuri uno wa 2 Munyonyo amakinga yose yugawe n’ububare hamwe n’amazu y’ingenzi. Bakabona ko ari uburyo bwo kubomora ngo basubire i Burundi. .
Mu ntara ya Muyinga abanyagihugu batari mu mugambwe CNDD-FDD baridogera umugwi wigenga ujejwe amatora ku rwego rw’iyo ntara ko wakumiriye iyindi migambwe mw’ishigwaho ry’abagize imigwi yigenga ijejwe amatora mu ma komine be no mu burongozi bwayo.
Ikigabane « Kw’isoko » c’uno musi gishimikira ku gahembo umurimyi w’ikawa ahabwa mu Burundi.