Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/11/2020

Publié le 2 novembre 2020 par Rédaction

I. Imyaka ibaye indwi inama nkuru ya ONU ishinze ko igenekerezo rya 2 Munyonyo, ari umusi mpuzamakungu uhariwe kugwanya ukudahana ivyaha bikorerwa abamenyeshamakuru. Uyo musi washizweho inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abamenyeshamakuru 2 b’abafaransa muri Mali, hari kuri rino genekerezo nyene mu 2013. Abamenyeshamakuru barenga ku 800 nibo bishwe muri ino myaka 10 iheze, nkuko biri mu biharuro vya UNESCO, isaba ama leta kuvavanura no kudahana ivyaha.

II. Kuri uyu musi ihuriro ry’abamenyeshamakuru b’abanyafrica  risaba ama leta y’ibihugu vya Africa kugira amatohoza no gukurikirana abagirizwa ivyo vyaha, bagakubitwa intahe mu gahanga. Ihwaniro ry’abamenyeshamakuru b’abanyafrica basaba kandi ko hafatwa ingingo ruhasha zikingira abakenyezi b’abamenyeshamakuru, bakubagurwa mu kazi kabo.

III. Ifungwa rya Fabien Banciryanino rihonyanga ibwirizwa nshingiro. Ivyo bivugwa na Juliette Nijimbere, aserukira urunani rw’abavyeyi baharanira amahoro. Abivuze inyuma y’imisi itanu ubutungane bwemeje ko uwo yahoze ari umushingamateka abandanya afunzwe. Kubwa Juliette NIJIMBERE, Banciryanino yazize ukutarya umunwa ku biriko biraba. Ivyo na vyo ngo vyerekana ko ubutegetsi butihanganira uwo wese avuga ibitandukanye n’ishaka ry’ubutegetsi.

IV. Fabien Banciryanino yafashwe italiki zibiri z’ukw’icumi uyu mwaka. Mu vyo yagirizwa harimwo kugarariza, gutyoza inzego, no guhungabanya umutekano w’igihugu.

V. Abashoferi bunguruza abantu babakura muri komine Giteranyi babajana ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, bariyamiriza ubusuma bariko bagirwako  n’abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abunguruza abantu, ryo ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga.

VI. Umukuru w’igihugu Général Major Evariste Ndayishimiye yatanguye kuri uno wa mbere urugendo rumushikana mu gihugu ca Guinée Equatoriale. Imisi itanu azomara muri ico gihugu, kazoba akaryo ko kuyaga na mugenzi we wa Guinée Equatoriale uko bokomeza imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri, n’ugufashanya mw’iterambere mu bisata bitandukanye.

VII. Abamenyashamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije imisi 378 bafungiwe mu ntara ya Bubanza. Bafashwe kuwa 22 Gitugutu, umwaka wa 2019 i Bubanza, aho bari bagiye kurondera amakuru y’ibitero vyari vyabereye i Musigati muri iyo ntara nyene. Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu co kimwe n’ibimenyeshamakuru ntibisiba gusaba irekurwa ryabo, kuko ata kindi bazira atari gukora umwuga wabo

Ibindi bisa n'ibi