I. Kw’igenekerezo rya 2 Munyonyo uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ukudahana ivyaha bikorerwa abamenyeshamakuru. Kuva uyo musi wemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ivyaha bikorerwa abamenyeshamakuru ntibisiba kwiyongera mu Burundi. Bamwe barishwe, abandi barakubagurwa mu kazi kabo ka misi yose ko kurondera amakuru.
II. Kubwa Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ, ngo naho ata butungane bugaragara mu Burundi, ayo mabi ngo bitebe bitebuke abayakoze barazwi bazokubitwa intahe mu gahanga, biciye mu butungane bwa kano karere canke ubutungane mpuzamakungu.
III. Na yo ku mugabane w’isi, ivyaha icenda kw’icumi bikorerwa abamenyeshamakuru ntivyigera bihanwa. Mu mwaka uheze, abamenyeshamakuru bagera kuri 62 nabo barishwe bari mu kazi kabo. Ivyo ni ibimenyeshwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Antonio Guterres asaba abakuru b’ibihugu n’amaleta kwifatanya no gukingira abamenyeshamakuru, ababakorera ivyaha bagashengezwa mu butungane hisunzwe amategeko.
IV. Hari umunyagihugu aba ku mutumba Gatabo wa komine Kiganda y’intara ya Muramvya, yaraye anyurujwe n’abantu bari mu modokari bambaye imyambaro y’igipolisi batashoboye kumenyekana. Abegereye umuryango wiwe bafise amakenga ku mutekano w’uwabo. Basaba kandi kumenyeshwa iyo yajanywe yongere arekurwe, kuko ataco ariko arazira.
V. Abantu 12 nibo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze yo kuva kuwa 25 gushika kuwa 31 gitugutu. Biri mu cegeranyo c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka. Urerekana kandi n’ubundi bukozi bw’ikibi bujanye no gusinzikaza agateka ka zina muntu, bwabaye muri ico kiringo nyene. Ligue Iteka igatera ivyatsi ukudahana ababikora. Andrée Michelle Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka.
VI. Umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose, ni co gihano Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga yaraye ihanishije mu ntahe y’ikibiriraho ku muhingamo wo ku musi wa mbere, umugabo w’imyaka mirongo ibiri n’indwi 27, yitwa Shadrack Narugora yagiriwe n’icaha co kugandagura umukenyezi wiwe Léoncie Karenzo n’ibigirankana, nkuko amakuru atangwa na bamwe mubegereye iyo Sentare abimenyesha.
VII. Inkurikizi zifatiye ku bukene bw’igitoro zirabandanya kwibonekeza aho ku mutaga wo kuri uwu wa mbere hari imodoka yo mu bwoko bwa probox, yaritondeye igitoro ca essence ikaba isanzwe ikora akazi ko kunguruza abantu, yahiye iratokombera. Imana ikaba yakinze kuko igituro c’igitoro citwa Hydrobur ahariko hatangirwa essence kitashikiriwe n’umuriro, nkuko amakuru atangwa n’ababibonye abimenyesha. Abazi ubuhinga bwo gukora imodoka, bavuga ko kuri iyo modokari hoba hariho akaringoti gatwara igitoro ca essence katari kugaye neza, ku buryo igitoro caza kirajojota. Naho iyo modoka yahiye igatokombera, nta bantu canke ibindi vyononekaye ku rugero rurenze kiretse imodoka zononekaye zigongana mu gihe abashoferi bazo bariko barahunga uwo muriro. Abanyagihugu bari mu micungararo bakaba bagerageje kuzimya iyo modoka birananirana. Abapolisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka bakaba bashitse kuri ico gituro c’igitoro iyo modoka yagize isanganya ry’umuriro ija igira ihere kwaka. Abakenera igitoro mu kazi kabo ka misi yose bagasaba Leta gutorera umuti iyo ngorane y’ibura ry’igitoro mu ntumbero yo gukinga amasanganya bene ayo hamwe no kworosha uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu.
VIII. Amashirahamwe cumi n’atatu ahurikiyemwo abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi atari abaganga, barababazwa n’ikumirwa bagirirwa mu bibanza vyo kurongora ibisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Mu rwandiko bandikiye umushikiranganji abarongoye, bavuga ko ata mukozi n’umwe wo hejuru atari umuganga, ashobora kugenwa mu mabanga yo kurongora igisata na kimwe, atari umuganga. Basaba umushikiranganji ko yohindura iyo ngingo ikumira bamwe.