Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/12/2019

Publié le 2 décembre 2019 par Rédaction

I. Uno musi ugize uwa 42 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bapfunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uwu mwaka, bagiye gutohoza amakuru, ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati, mu ntara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’igihugu.

II. Ubwoba buratekeye abanyagihugu bo ku musozi Murama ya mbere, muri zone Mutambu, intara ya Bujumbura. Bamwe muri bo, bakaba batanguye guhunga, nkuko amakuru avayo avyemeza, kuvaho hafatiwe abasore batatu b’imbonerakure bagirizwa ko bari bafise ikirwanisho gicira umuriro. Ayo makuru yemeza kandi ko umwe muri abo bafashwe, yakubiswe gushika apfe. Umwe mu bakozi b’iperererza akaba yavuze ko bose bakwiye kwicwa, ari naco cateye ubwoba ababa i Murama ya mbere.

III. Itotezwa rikoregwa abanywanyi b’umugambwe CNL rirabandanya mu ntara ya Muyinga, aho abanywanyi bane b’uwo mugambwe, bafashwe ejo muri zone ya Rugari, muri komine Muyinga, bagirizwa kugira inama itemewe n’amategeko, nkuko bamwe mu banyagihugu baba aho mu Rugari bavyiganiye Radiyo Inzamba.  Amakuru Radiyo Inzamba yaronse, akaba abeshuza ibivugwa ko abo bayoboke ba CNL bari mu nama. Myandagaro Désiré yafatiwe mw’isoko, Manimpa Libère afatirwa kumuhana iwe, Hakizimana Melchiade batazira Dabu na Witonze Roger ngo bakaba boba bafatiwe mw’isengero, nkuko isoko rya Radiyo Inzamba ribandanya rivyemeza.

IV. Urunani rw’abacamanza n’amashirahamwe aburanira abahuye n’ivyago vyo kuva mu mwaka wa 2015, ngo ruramaze gushikana ama dosiye arenga 2000 mu biro vy’umushikirizamanza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Ivyo vyemezwa n’umushingwamanza Lambert Nigarura, umukuru w’urunani rw’amashirahamwe akorana na sentare mpuzamakungu CPI. Avuga ko muri kino gihe, iyo sentare iriko irakora amatohoza ku makuru yaronse ku vyabaye. Umwanya uwari wo wose, ngo imitahe ishobora gusohoka ku bakoze ivyaha. Umushingwamanza Lambert Nigarura, abivuze uno musi mu gihe hatunganijwe imisi 90 yo guhimiriza abashikiwe n’ivyago, ngo bafashe mu kumenya ukuri ku vyerekeye ivyaha vyakozwe kuva mu mwaka wa 2015.

V. Abantu cumi n’indwi, barimwo aba kongomani babiri, nibo bahagaritswe n’igipolisi mu gitondo c’uwu wa bambere ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge. Hari mw’isakwa ryakozwe n’igipolisi muri quartier NKAYAMBA. Amakuru ava mu Rumonge atumenyesha ko iryo sakwa, ryari rigamije gusaka ibirwanisho ariko bakaba atanakimwe  batoye. Umusipi w’igisirikare akaba ari wo watowe, hamwe n’imiti y’ikirundi. Abo bantu cumi n’indwi bahagritswe, bakaba baciye bajanwa gufungirwa muri commissariat y’igipolisi mu ntara ya Rumonge. Mu ndwi iheze, abanye congo bagera kuri 20, bakaba aribo bahagaritswe kubera batagira ivyangombwa bibemerera kuba mu Burundi, mw’isakwa ryari ryakozwe muri quartier KANYENKOKO, aho ku murwa mukuru w’intara ya  Rumonge.

VI. Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Nduta muri Tanzaniya, zirateye akamo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu gutabariza abantu babo bamaze imisi banyuruzwa, bagasinzikarizwa ubuzima mu busho butaramenyekana n’abajejwe kubacungera umutekano. Akarorero n’ak’uwitwa Moise Ndayisenga, haheze imisi anyurujwe, ngo amerewe nabi, asinzikarizwa ubuzima iyo yajanywe, nkuko umwe mubiwe abimenyesha.

VII. Impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu muri Tanzaniya, basaba gusubira kuronswa ubukingirizo nkuko vyahora. Ivyo bakaba babisavye kuri uyu wa mbere, aho bariko barahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ikiza ca Sida. Umwe mu barundi bahungiye muri iyo kambi, avuga ko ico kibazo kiri mu kibahanze cane kuko basanzwe baba mubantu benshi. Ico kiza naco kikaba gishobora kwiha inkumbi mu gihe utwo dukingirizo tutabonetse.

VIII. Uburundi buzokwifatanya n’ibindi bihugu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abantu bagendana ubumuga kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 03 kigarama umwaka wa 2019. Mw’itangazo rijanye n’uyo munsi ryasohowe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, umushikiranganji Martin NIVYABANDI amenyesha ko ibikorwa bitari bike vyega abagendana ubumuga bimaze gukorwa, nko kubigisha imyuga itandukanye, kubaronsa ibikoresho vyo kwiyunguruza no kubafasha gushira mu buryo imigambi yo kwiteza imbere.

Ibindi bisa n'ibi