I. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet-leo Nepia JARAVAZA amaze hafi indwi apfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura. Bimwe mu vyo yagirizwa, harimwo kuba yoba yaramenye amabanga ya bamwe mu bihangange mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, ku makuru aca ku mihora y’amatelefone yabo. Ivyo abegereye ishirahamwe Econet-leo bamirira kure, bakavuga ko nyabuna azira kuba yaranse gutanga amafaranga yasabwe na bamwe muri ivyo bihangange mu mugambwe uri ku butegetsi.
II. Bagenzi bacu 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatatu iminsi 409 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.
III. Igenekerezo rya 2 Kigarama ukwo umwaka utashe, isi yose irahimbaza umunsi wo kurwanya ubuja kw’isi. Ishirahamwe ONLCT Où est ton frère? ryishinze kurwanya urudandazwa rw’abantu mu Burundi, rimenyesha ko ubuja bucibonekeza mu Burundi kandi bwarahagaritswe kw’isi yose. Naho biri uko, iryo shirahamwe rirashimishwa n’itegeko rishasha ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, itegeko ririmwo ingingo itunganya ibijanye n’abaja gukora ubuzi hanze y’igihugu. Me Prime MBARUBUKEYE aserukira ishirahamwe ONLCT Où est ton frère ? mu Burundi.
IV. Impinga iracari ndende mu Burundi mu bijanye no kuronka ibikoresho vyose vya nkenerwa bifasha abantu bagendana ubumuga. Ivyo bishikirizwa na Imelde Sabushimike, umushikiranganji wo gufatana munda n’agateka ka zina muntu. Akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa musi wa gatatu. Akaba abivuze mu gihe amakungu buca ahimbaza ku wa 3 Kigarama umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Uyo mushikiranganji agasaba ibisata vya leta n’ivy’abigenga gushirahamwe inguvu, kugira bafashe abagendana ubumuga.
V. Ikigega c’imiliyaridi icenda z’amafaranga y’amanyarwanda nico kigiye gufasha impunzi ziri mu gihugu c’Urwanda hamwe n’abanyarwanda baba hafi y’amakambi y’impunzi. Ico kigega kikaba cashinzwe na Leta y’Urwanda ifadikanije n’ibanki y’isi, kikazobafasha kwiteza imbere.
VI. Impungenge ni nyinshi mu runani rw’abaharanira agateka k’impunzi CBDH VICAR, inyuma y’icegeranyo c’ishirahamwe HRW kinebagurwa na leta, mu gihe mu vyo cerekana harimwo impunzi z’abarundi zanyurujwe mu gihugu ca Tanzaniya, zitwarwa gupfungirwa mu mabohero ya Bubanza na Muramvya. Icegera c’uwurongoye iryo huriro ryitaho impunzi z’abarundi, Léopold SHARANGABO, avuga ko kubona leta idafata nkana ibijanye n’izo mpunzi, ari ikimenyetso c’uko bashobora kugirirwa nabi.
VII. Imiryango igera kuri 98 y’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Mulongwe muri Republika iharanira demokarasi ya Congo nta mfungurwa ifise. Uwurongoye iyo kambi Dominique Mugisha avuga ko ico kibazo kiri mu minwe y’ishirahamwe PAM, risanzwe rifasha izo mpunzi. Agahumuriza izo mpunzi ko mu minsi ya vuba cane, ico kibazo kizoba catorewe umuti. Dominique Mugisha.