Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/12/2022

Publié le 2 décembre 2022 par Rédaction
I. Musitanteri wa komine Nyanza-Lac hamwe n’umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine n’icegera ciwe bakuwe kuri uyu wa gatanu n’inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Icatumye musitanteri akurwa, ni amakosa ashika 9 yakoze, harimwo urudandazwa rwa magendo no kwihagira amatongo ya Leta.
II. Abagabo batatu bo muri komine n’intara ya Rumonge boba bari mu kinyegero haraheze imisi mikeya. Abo uko ari batatu bagirizwa ubunyonyezi bw’amafranga. Amakuru ava muri iyo ntara amenyesha ko, ayo mafranga bagirizwa ari ayo bagiye baratoza mu banyagihugu barongoye, bayitirira igikorwa azokora ariko ntigikorwe, umwe akaba yagirizwa gutoza amafranga mu barovyi, uwundi akaba yagirizwa kugurisha ibibanza yanyaze abanyagihugu. Uwugira gatatu akagirizwa gutoza amakori y’umurengera mw’isoko yo mu Rumonge.
III. Hari umwigeme yafashwe kuri uwu wa kane atanze amafranga ya magendo ku wusanzwe akora ibikorwa vyo kurungika amahera mu buryo bwa EcoCash na LumiCash. Ivyo vyabaye kuri uwu wa kane mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru atangwa n’abamuzi, basigura ko uwo mwigeme yitwa Parfaite aturuka muri zone Mbogora muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, atari irya mbere akoze ubwo busuma. Bavuga ko aho mu Mbogora na ho nyene yigeze gufatwa yivye amafranga arenga ibihumbi amajana atatu. Aho mu gisagara ca Bujumbura, akaba yari atanze ibihumbi amajana atanu bigizwe n’inoti za magendo. Mu gihe ubusuma nk’ubwo bukunze kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati, bamwe mu banyagihugu basaba ko uwo yafatanywe itonga yohanwa vy’akarorero mu ntumbero yo gutuza ubwo bubegito.
IV. Uburundi bwarakuwe ku rutonde rw’ibihugu bizoja mu vyigwa n’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yitezwe mu kwezi kwa mbere k’umwaka wa 2023 uza. Ivyo bitangazwa n’ibiro bijejwe integuro y’iyo nama y’umutekano kw’isi. Iyo nteguro iranegurwa n’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi. Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB avuga ko bibabaje ko Uburundi bukurwa ku rutonde rw’ibihugu bisuzumwa n’iyo nama y’umutekano kw’isi, agasigura ko ivyatumye Uburundi bushirwa mu bihugu vyigwa n’iyo nama mu myaka 6 iheze bitigeze bitorewa umuti.
V. Abantu barenga 10 baragandaguwe, icenda na bo bahagarikwa bidakurikije amategeko. Biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa Munyonyo c’ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Augustin Nimubona ajejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure bari mu bakora ayo mabi iyo bari kw’irondo. Agasaba leta gukingira abanyagihugu bose ata gukumira.
VI. Umukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’ama tagisi OBR asaba abafise imiduga kuriha ikori ritangwa buri mwaka ku modoka. Jean-Claude Manirakiza avuga ko ayo mafranga ari yo azokoreshwa mu gusanura amabarabara. Ivyo akaba yabivuze kuri uno wa kane, mu rugendo rw’akazi yagize mu gisagara ca Bujumbura. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, we avuga ko ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta ari bwo bwonyene bufise ububasha bwo gushira amafranga mubisata bitandukanye vy’iterambere ry’igihugu.

Ibindi bisa n'ibi