Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/01/2022

Publié le 3 janvier 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye muri uyu mwaka uheze wa 2021 yaranzwe n’ukwivuguruza. Ivyo bibonekera mu vyo yagiye arashikiriza, bukeye akagaruka avuga ibivuguruza ivyo yashikirije ubwa mbere. Bamwe mbere batangura kwibaza ko yoba ata bubasha afise bwo gufata ingingo. Uko kwivuguruza tugusanga mu bitandukanye uhereye ku bijanye no kurwanya ikiza ca Covid-19, kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ubutungane n’ibindi bisata. Uturorero ntitubuze reka tubacire ku mayange kuri tumwe muri iri jambo ry’intagamarara ry’uruganda rwo kumenyeshamakuru rwa Radio Inzamba agateka kawe rwabateguriye mu ntango z’umwaka wa 2022.
II. Igihugu catwawe nabi cane mu mwaka uheze wa 2021. Fréderic Bamvuginyumvira arerekana ingene mu bijanye na Politike bitagenze neza. Uwo arongoye urunani w’abatavuga rumwe na leta, CFOR Arusha, avuga ko umugambwe uri ku butegetsi wiyibagiza icari co leta, ivyagize ingaruka zikomeye ku bijanye n’ukurongora igihugu. Kubwa Fréderic Bamvuginyumvira, ngo ubutegetsi bwari bukwiye kwikubita agashi.
III. Amafaranga angana n’imiriyoni ijana na mirongo itanu z’amarundi ni yo yibwe mw’ibanki y’ubudandaji BANCOBU, hari kw’igenekerezo rya mirongo ibiri n’umunani kigarama umwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na rimwe (28/12/2021). Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu, Petero Nkurikiye, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, igihe yariko arerekana abakekwa ko bagize ubwo busuma. Muri bo hakaba harimwo abakozi babiri b’ ibanki Bancobu.
IV. Mu ntara ya Kayanza, abanyeshure biga mu mashure yisumbuye arimwo indaro, barabandanya kwipimisha umugera wa Corona kugira baronswe impapuro bazokwerekana kw’ishure, imbere y’ukwemererwa kwinjira. Ni mu gihe kuri uwu wa mbere ariho hatangura igice ca kabiri c’umwaka w’ishure wa 2021-2022. Ivyo bikaba vyatumye kuri ayo mashure ivyigwa bidatangwa nk’uko vyari bitegekanijwe, kubera abanyeshure bari bake.
V. Igikorwa c’ugupima abanyeshure bo mu ndaro boba baranduye ikiza Covid-19 catanguye ku wa gatanu uheze mu gihugu cose kiracabandanya gushika kuri uwu wa kabiri. Vyashikirijwe n’umushikirangannji w’amagara y’abantu Muganga Sylvie Nzeyimana, mw’itagazo yasomye imbere y’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yasiguyeko kwipimisha vyongerejwe umusi umwe, kubera imisi mikuru yo kurangiza umwaka yatumye bamwe mu bamenyeshure batacitaba neza.
VI. Abanyagihugu bo muri zone Muyange, komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, basaba ko abari bashinzwe umugambi wo gushira amatara ku murwa mukuru wa zone Muyange bakurikiranwa. Abo banyagihugu babagiriza kuba baranyonoye amafaranga yaragenewe uwo mugambi, kuko mu kiringo c’imyaka itandatu uyo mugambi utigeze uja mu ngiro ; n’umukuru w’igihugu yawuguruye mu 2019 yahenzwe kuko bari bakije uwo musi umuyagankuba uvuye ku moteli.
VII. Umugwi wa Sisters mu bigeme na Brothers Team mu bagabo nibo batwaye igikombe ca Super Coupe muri Handball mu gisagara ca Bujumbura. Mu mupira w’amaguru naho, imigwi irabandanya gukina inkino za gicuti mu kwitegurira igice ca kabiri c’ihiganwa ry’Uburundi. Urwari rwitezwe gusumba izindi rwahuje Vital’o na Inter Star.

Ibindi bisa n'ibi