I. Sentare nkuru ya Mukaza yaciriye kuri uno wa kabiri umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye gupfungwa imyaka 10, hamwe n’ukuriha ihadabu ringana n’umuliyoni umwe w’amafranga y’amarundi. Irangabiye Floriane yagirijwe na sentare guhungabanya umutekano w’igihugu. Abamuburanira bamenyesha ko bagiye kwunguruza urubanza. Tubibutse ko Irangabiye Floriane yahagaritswe kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro i Bujumbura n’abakozi b’iperereza. Muri kino gihe akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga. Ipfungwa ryiwe rikaba ryariyamirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, aho bemeza ko iryo pfungwa rinyuranye n’amategeko kandi ko ata shingiro rifise.
II. Umunyororo wo gufungwa amezi atandatu, kuriha ihadabu rya 500.000 hamwe n’umunyororo w’agatsindikiro w’amezi cumi n’abiri mu gihe iyo hadabu itarishwe; ni co gihano sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga yahanishije ku musi w’ejo hahise, umugabo yitwa Désire Ntahimpera batazira Kimuga, yagiriwe n’icaha co kudandaza igitoro ca magendo co mu bwoko bwa essence. Na yo Eric Ndagijimana, umudereva yaratwaye imodoka yarimwo ico gitoro, yahanishijwe umunyororo wo gufungwa amezi atatu, kuriha ihadabu rya 250.000. Atarishe ayo mafranga akazofungwa ikiringo c’amezi atandatu c’umunyororo w’agatsindikiro, nk’ukwo amakuru ava muri Sentare nkuru y’igihugu i Muyinga avyemeza. Imodoka yo mu bwoko bwa Probox ifise imparati J 0663 A yafatiwemwo ico gitoro, ikaba yaranyazwe na Sentare ishirwa mu minwe ya Leta. Igitoro ca essence kingana n’amalitiro 580 ari mu ma bido 28, kikaba carafashwe na Sentare. Iyo sentare ikaba yafashe ingingo yo kukigurisha, amahera avuyemwo, akaja mu kigega ca Leta, nk’ukwo isoko ryacu ribivyemeza. Désiré Ntahimpera na Eric Ndagijimana, bakaba bari bafashwe n’igipolisi gifadikanije n’intwaro ku wa 28 Kigarama guheze, bavuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kuzana ico gitoro, ngo bafise n’amalitiro 5 y’inzoga ya Kanyanga.
III. Abantu 33 barishwe, 8 barasinzikarizwa ubuzima; ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi c’ukwezi kwa 12 twaraye dusozereye. Bamwe mu bajejwe umutekano bakaba bari mu bagirizwa ayo mabi. Nk’ukwo bishikirizwa na Augustin Nimubona ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe.
IV. Amakenga ni menshi ku mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Ayo makenga akaba afatiye kw’iyubakwa ry’urukuta rukikuje iyo kambi. Babona ko ari uburyo bwo kubabuza imigenderanire bahora bagira inyuma y’ikambi bagiye kurondera ico bafungurira imiryango yabo, na cane cane ko ibikorwa vyose vyo kwiteza imbere vyahagaritswe.
V. Impunzi ziba mw’ikambi y’i Mulongwe muri leta iharanira demokrasi ya Congo ziratekewe n’ubwoba yuko zishobora guterwa n’inzara mu misi iri imbere. Bavuga ko batarigera babona imvura kuva mu kwezi kw’icumi guheze. Ivyo bikaba vyatumye ibiterwa vyuma mu mirima yabo, kubera uruzuba rwinshi, bagasaba abagiraneza kubagarukirako.
VI. Abanyagihugu bo muri quartier Mirango ya kabiri mu gisagara ca Bujumbura, baridoga ko bamaze igihe badafise amazi meza. Mu gihe mu buraruko bw’ico gisagara hateye indwara ya Cholera, bafise amakenga ko bashobora kwandura iyo ndwara ifatira ku mwanda. Bagasaba ishirahamwe Regideso kubaronsa amazi meza.