Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/01/2024

Publié le 3 janvier 2024 par Rédaction

 

  1. Uwurongoye igipolisi muri komine Giharo yaraye agandaguwe atemagujwe imipanga. Major Japhet Mukeshimana yagandaguriwe ku mutumba Nkanka muri zone Muzye ya commune Giharo nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z’umugoroba. Abantu umunani bakaba baza bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.
  2. Abasirikare bakoreye muri contingent atmis baraye bahembwe agashirukabute kabo k’amezi atanu mu mezi 14 bari baheraniwe. Barashimushwa nuko ako gashirukabute kabonetse ariko bagasaba kuronswa n’ayandi mezi asigaye kugira ntibagume bahakurira kubwaraye.
  3. Uburundi ntibukeneye abantu bize kaminuza, bukeneye abize imyuga. Ivyo bivugwa na Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Kuri we abona ko abo bize amashuri menshi ata co bimariye kandi ata co bazokwigera bamarira igihugu. Agahamagarira kugwiza amashuri y’imyuga gusa.
  4. Uwurongoye umugambwe uri ku butegetsi ariyobagiza ivyo igihugu gikeneye. Kuko abantu bize imyuga baruzuye, ahubwo babuze n’aho bakorera kubera ubutegetsi bubi. Ivyo bishikirizwa na Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ibibazo bijanye n’indero mu Burundi. Agatanga n’akarorero k’amashuri shingiro abuze ivya nkenerwa, hakaja ko hakabura n’inyigisho z’akanovera.
  5. Eulalie Nibizi abandanya ahanura nyabuna ubutegetsi guha ivya nkenerwa amashuri, abigisha bafise ubumenyi bukwiye kugira batange inyigisho z’akanovera. Ariko rero imbere ya vyose, hoshingwa intwaro ibereye n’iyubahirizwa ry’amategeko, kugira uwipfuza kugira ico ashinze mu gihugu abikore ata nzitizi.
  6. Ingabo z’Uburundi kubona ziri muri Kongo iharanira demokarasi ngo zagiye kubuza abasuma biba igihugu ca Kongo. Bishikirizwa na Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD, hari kur’uyu wa kabiri mu kiganiro yagiranye n’ibimenyeshamakuru n’ama radiyo. Amenyesha kandi ko bagiye yo kubera n’ibindi bihugu bari yo. Nayo abasirikare bapfunzwe kubera bataye baromoka kuko vyabananiye bagashikira mu gasho, ngo bahanywe kubera bakoze ikosa .

Ibindi bisa n'ibi