I. Umupfasoni Christa Kaneza yaheruka kwagirizwa kuba ari mubishe umugabo wiwe, yarekuwe mu gatondo ko kuri uno munsi wa gatatu. Akaba yarekuwe na sentare nkuru ya Muha mu gisagara ca Bujumbura. Yari yahagaritswe kuwa 19 Nzero aca aja gufungirwa mw’ibohero rya Mpimba, ku munsi ukurikira, kuwa 20 Nzero uno mwaka. Ico gihe igipolisi kibicishije ku muvugizi waco Pierre Nkurikiye, yari yemeje ko habaye amatohoza yimbitse yerekana ko Christa Kaneza ari mu bagandaguye umugabo wiwe Thierry Kubwimana. Uyu nawe akaba yari yagandaguwe bunyamaswa ku rugo iwe mu Gasekebuye, mw’ijoro ryo kuwa 24 rishira irya 25 Munyonyo umwaka uheze.
II. Abana badashikana imyaka cumi mu Burundi barabangamiwe n’inyifato itabereye ya bamwe mu bavyeyi n’abandi baba bajejwe kubarera. Abana babiri nibo bamenyekanye ko bishwe n’abavyeyi babo canke abajejwe kubarera, mu kwezi kwa mbere guheze. Abandi nabo barakomerekejwe, abandi bakorerwa amabi atagira izina nko guturirwa n’ibindi.
III. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uriyamiriza iyo ngendo igayitse y’abavyeyi bamwe bamwe, bahohotera abana babo mu kubaha ibihano bisinzikariza ubuzima. Uwo muhari uhanura abavyeyi n’abandi bose bajejwe indero y’abana, kurera hakurikijwe ubuntu n’agateka k’umwana. Nayo uwobirengako ngo akwiye guhanwa hakurikijwe amategeko. Immaculée Hunja niwe arongoye uwo muhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi.
IV. Hari umukenyezi yakomerekejwe mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri. Hari mu gitero cagizwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bateye muri village ya 1, bagana inzu yo kuri nomero 88 y’umuryango wa Sambara Saidi, yashoboye guhunga. Amakuru ava ngaho mw’ikambi akavuga ko impunzi ziri mu bwoba bwinshi, kubera ibitero biba muri iyo kambi. Bagasaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR kubakingira nk’impunzi.
V. Umuntu agira gatatu yahitanywe n’umugera wa corona ku bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore, kuva uyo mugera umenyekanye mu Burundi. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Thaddée Ndikumana, kuri uno wa kane, mu gihe yararamutse agirisha inama abarongoye ibitaro vyose biri mu gihugu. Umushikiranganji Thaddée Ndikumana akavuga ko abanyagihugu badebukiwe cane no gukurikiza amabwirizwa yo kwirinda umugera wa corona, harimwo nko gukaraba iminwe no kutaramukanya bagwanye mu nda.
VI. Umuyobozi w’ibitaro vy’i Fota muri komine ya Ndava, ni mu ntara ya Mwaro, aragirizwa kunyuruza amafaranga yaragenewe kubaka uruzitiro rw’ivyo bitaro. Abakozi bakorera aho ku bitaro vy’i Fota, bagasaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu gukurikiranira hafi ibijanye n’ayo mafaranga, kugira akore ico yagenewe.
VII. Bamwe mu batavuga rumwe na leta bari mu buhungiro, basaba umuryango w’ibihugu vya Bulaya kugumiza igitsure kuri leta y’Uburundi, kugira itere intambwe ku bijanye n’ukwubaha agateka ka zina muntu, be n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro. Bishikirizwa na Professeur Karori Nditije wo mu mugambwe UPRONA, inyuma yaho ibiganiro bisubiriye gutangura kuri uno wa kabiri, hagati y’izo mpande zibiri, mu ntumbero yo gukuraho ibihano vyafatiwe Uburundi hisunzwe amasezerano ya Cotonou. Amasezerano y’i Cotonou akaba ategekanya mu ngingo yayo ya 8 ko habandanya kuba isuzuma ry’ukugene agateka ka muntu kifashe, kwubahiriza amateka agenga intwaro ishingiye kuri demokarasi be n’intwaro ibereye.