I. Abanyagihugu bose bahamagarirwa kwubaha amategeko agenga umugambwe uri ku butegetsi, no gufata nka nkama ivyo vyose bishikirizwa n’umukuru w’igihugu. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe abakozi n’akazi Déo Rusengwamihigo, mu rugendo yagize kuri uno wa gatatu mu ntara ya Makamba. Uyo mushikiranganji akaba yavuze ko uwuzokwumva adashoboye gukurikiza amategeko avuye muri uyo mugambwe ari na yo igihugu kigenderako, ngo azoce afata akayira kamujana muri Tanzania. Atari uko naho, ngo ni kumushirako amapingu.
II. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu aratangazwa n’iyo nvugo. Avuga ko ataho vyakabaye aho amategeko agenga umugambwe ari na yo igihugu kigenderako.
III. Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rihonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu mu bijanye no gushikiriza ivyiyumviro, eka rigahonyanga n’amategeko ajanye no guca imanza. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa kane, risaba abategetsi b’Uburundi kurekura Floriane Irangabiye atakirinze gusabwa, no kutabandanya baturubika abamenyeshamakuru n’abandi baharanira agateka ka zina muntu. Clémentine Montjoye, umushakashatsi w’ishirahamwe HRW, igisata ca Afrika.
IV. Agashavu ni kenshi muri bamwe mu basirikare b’igihugu kuva aho umukuru w’igihugu ashikirije ijambo ryo kubongera imishahara, ariko imvugo ntiheze ngo ijane n’ingiro. Abo basirikare bidogera uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare Général Prime Niyongabo ko amaze imisi atembera mu ntara zimwe zimwe za gisirikare, amenyesha y’uko atawokwitega ko imishahara y’abasirikare yongerezwa muri bino bihe.
V. Leta y’Uburundi ntishaka kwerekana aho ihagaze mu matati ahuza ibihugu vy’Uburusiya na Ukraine. Umukuru w’igihugu yaraye asubiye kuvyemeza mu mubonano yagiranye n’uwuserukira umuryango w’ibihugu vya buraya ajejwe agateka ka zina muntu, Eamon Gilmore, mu rugendo arimwo ruzomara imisi itatu, mu Burundi. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Guilaine Gatoni ni we abishikiriza, akamenyesha kandi ko baganiriye ku bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe no kubahiriza abakenyezi mu buzi.
VI. Ukutagira aho uhagaze mu bihe nk’ibi aho igihugu cibaza ko gishobora gufuta ikindi gihonyanze ubwigenge bwaco, bisigura ko leta y’Uburundi ishigikiye umugambi w’Uburusiya wo gukandamiza Ukraine. Bivugwa na David Gakunzi, umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi, yibutsa ko Uburusiya buriko burahonyanga amasezerano ya ONU akingira ibihugu bidafise inguvu, harimwo vyinshi vyo ku mugabane wa Afrika. Ku bwiwe, ibihugu vyose vyari bikwiye kwiyamiriza iyo ngendo y’ibihugu bimwe bimwe vyiyita ko bikomeye, kugira ejo ntidusange natwe twashikiriwe.