Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/03/2021

Publié le 3 mars 2021 par Rédaction
I. Inyuma y’intambara zari zimaze iminsi zivugwa muri komine ya Mabayi mu ntara ya Cibitoke hagati y’igisirikare c’Uburundi n’abarwanyi b’umuhari FDLR, igisirikare c’Uburundi congereje abasirikare muri ako gace k’uburaruko gashira ubuseruko. Amakuru ava mu gisirikare yemezako i bataillon ya 60 yariko yitegurira kuja kugombora mu gihugu ca Somaliya nayo nyene yarungitswe mu ntara ya Cibitoke. Amakuru ava mu banyagihugu aho muri iyo ntara, amenyeshako imirimo isa niyasubiriye.
II. Sentare ya Muha yaraye yemeje kuri uyu wa kabiri, igumizwa mu munyororo abarundi 8 bari batahanywe ku nguvu banyurujwe bavanywe mu gihugu ca Tanzaniya bari bahungiyemwo. Abo barundi 8 bakaba bari mu barenga 60 banyurujwe batahukanwa ku nguvu, n’ubu akaba atawuramenya irengero ryabo. Ishirahamwe CBDH-VICAR riharanira agateka k’impunzi rikaba ryiyamiriza iryo pfungwa kuko ridakurikije amategeko.
III. Umwana w’imyaka yababa 15 yari azwi kw’izina rya Gaspard Mugisha avuka ku musozi Gashiru, komine Kabarore n’intara ya Kayanza, yaritavye Imana kuri uyu wa kabiri, ahitanywe n’igisasu ntezwaminwe. Amakuru ava muri komine Kabarore amenyesha ko uwo mwana yahora akorera abasirikare bahora ku kirindiro cahora kuri uwo musozi. Abo nabo bakaba bahimutse ku mugoroba wo ku musi wa mbere, ari na ho uwo mwana yiba akongera akanyegeza ahantu ico gisasu. Mu gihe yaza kugitora bukeye ngo ni ho cahava ciyugurura gica kiramuhitana. Aba n’abandi mu babonye uko uwo mwana yapfuye ico gisasu kimushwanyaguye umubiri wose, bavuga ko bibabaje ngo kuko vyose vyatewe n’ubusamazi bwagizwe n’abo basirikare mu gihe bariko barimuka.
IV. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi barereye mu mashure yigenga akorera mu ntara ya Rumonge. Bagiriza abayobozi kubatangisha amahera menshi mu gihe co kuja kwimenyereza, amafaranga atozwa abanyeshure bo mu myaka iheza, mu mashure yigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none. Abavyeyi basaba ko ubuyobozi bw’indero mu ntara bwovyiga bugahagarika itozwa ry’ayo mafaranga asabwa y’umurengera.
V. Igiciro c’isukari c’amahera 2.500 ku kiro kizwi n’amatego ntikiriko kirubahirizwa n’abadandaza bose ku baguzi nk’ukwo amakuru atandukanye atangwa na bamwe mu baguzi abimenyesha. Ku bandaza  20 bakorera mw’isoko nkuru ya Muyinga bakanadandaza n’isukari, abashika 15 bagurisha ikiro c’isukari ku mafaranga 2.700. Abandi badandariza hanze y’isoko ya Muyinga mu ma butike atandukanye, abashika 18 ku ma butike 20 nabo nyene ntibubahiriza igiciro cashinzwe na Leta c’amahera 2.500 ku kiro. Abaguzi bagatangazwa n’iyo ngendo y’abadandaza yo kutubahiriza ibiciro mu gihe ata bukene bw’isukari buriho mu ntara  ya Muyinga. Abasumyi bagasaba abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano gukurikiranira hafi ico kibazo kugira abantu ntibabandanye kwibwa ku mugaragaro.
VI. Inkurikizi z’ubukene bwugarije bamwe bamwe mu banyagihugu zirabandanya kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu gihe bamwe mu banyagihugu baba ahitwa Mubone, zone na komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura bugarijwe na kigoyi muri kino gihe. Abo banyagihugu bavuga ko bahitamwo kuja kurondera icorirenza mw’iyarara riri aho ku Mubone kugira baronke utwo bashira ku munwa, ariko n’aho biri uko bakagira amakenga ku magara yabo, bagasaba abagira neza kubagarukirako.

Ibindi bisa n'ibi