Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/05/2022

Publié le 3 mai 2022 par Rédaction
I. Abasirikare b’Uburundi barenga 20, ni bo bakomerekeye mu gitero cakozwe n’umuhari w’aba Al Shabab. Abandi basirikare barenga 30 ntawuramenya irengero ryabo. Ico gitero cabaye mu gitondo co kuri uyu wa kabiri ahitwa Cell Baraf mu ntara ya Moyen Shabelle, ku bilometero 136 uvuye ku murwa mukuru Mogadishu, hari hasanzwe hari ikirindiro c’abasirikare b’i bataillon ya 61 ya AMISOM iherutse guhindurwa izina ikitwa ATMIS.  Amakuru ava mu basirikare b’Uburundi aremeza ko batewe, ariko akaba ata bitigiri batanga vy’abahasize ubuzima canke ivyononekaye.
II. Umuhari RED Tabara urasaba leta y’Uburundi gutunganya ibiganiro bidakumira mu ntumbero yo gutunganya amatora yimirije y’abashingamateka yo mu 2025 n’ay’umukuru w’igihugu yo mu 2027. Uwo muhari ubona ko ayo matora yoba ari amatora atekanye kandi ahumuriza bose. Umuhari RED Tabara ubisavye inyuma yaho umukuru w ‘igihugu Evariste Ndayishimiye asabiye uwo muhari gushira ibigwanisho hasi, ukaza kwitaba ayo matora ni waba ushaka gushika ku butegetsi.
III. Amapikipiki 810, tuktuk 105, imachine zitatu zikoreshwa mu bikorwa bitandukanye, hamwe n’ububiko bwose bw’ishirahamwe y’abaganga batagira imbibe MSF ni vyo vyaraye bihiye biratokombera, mu gisagra ca Bujumbura. Ivyo n’ibitigiri bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano inyuma y’umuriro wadutse kuri uyu wa mbere mu bubiko bwa Ladak n’ikigo MSF. Amakuru atangwa n’umwe mu banyezamu b’iyo nyubakwa ya Ladak avuga ko harimwo n’inkofero zambara abagendesha amapikipiki, amamoteri, imipira y’amapikipiki n’ibindi bikoresho. Umuriro uturutse ku muyagankuba ngo woba ari wo watumye iryo sanganya riba. Ibiduga bizimya umuriro vyaje bivuye ku kibuga c’indege ari na co gituma hashoboye kurokoka ibikoresho na bikeya. Amakuru ava mu gipolisi akamenyesha ko icari gukorwa kugira uyo muriro uzime n’ingoga kwari ugukoresha uburyo buhanitse, kandi uruhusha rutangwa n’abategetsi bo hejuru.
IV. Naho Uburundi bwari bwarateye intambwe mu mwuga wo kumenyesha amakuru imbere y’umwaka wa 2015, ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwaratosekaye cane mu Burundi kuva Petero Nkurunziza yitoje mu kiringo kigira gatatu. Tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters Sans Frontières, mu gihe amakungu ahimbaza kuri iri genekerezo rya 3 Rusama umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. RSF ivuga ko n’inyuma y’itorwa rya Varisto Ndayishimiye ata na kimwe kirahinduka, naho yari yavuze ko agiye gusubiza ibintu mu buryo mu bwigenge bwo kumenyesha amakuru.
V. Innocent Muhozi, arongoye Télévision Renaissance avuga ko abamenyeshamakuru batakigira uburenganzira bwo kumenyesha abarundi n’amakungu amakuru ajanye n’ubwicanyi, n’ubusuma biba mu gihugu. Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kabiri n’urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ hamwe n’ikigo kijejwe guhanura ibimenyeshamakuru OPB, batangazwa n’ingene ishirahamwe RSF rishira Uburundi mu kibanza ca kabiri muri kano karere mu gihe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi bukiri kure nk’ukwezi.
VI. Nta mpinduka ishobora gukorwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu vy’ubutunzi akiri kumwe na ba bandi nyene bamwononera. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ni mu gihe umukuru w’igihugu yashikirije kuri uyu wa Mungu ko kizira ko itunga ry’igihugu rija mu minwe y’abantu bamwe, cane cane ku bijanye n’ugucukura ubutare, hamwe n’abahabwa ayandi masoko ya leta ku biciro vy’umurengera. Kubwa Faustin Ndikumana, umukuru w’igihugu n’ahindure abantu bamufasha, azane bashasha bafise ivyiyumviro bishasha kugira Uburundi bushike kw’iterambere rirama.

Ibindi bisa n'ibi