I. Inkuru ziryohera ubutegetsi ni zo aha nini abanyagihugu babona ko zishirwa imbere n’abamenyeshamakuru bari ku gataka k’Uburundi. Uko niko bivugwa na bamwe mu banyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba Agateka kawe, kuri uno musi wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha a,makuru kw’isi, wama uhimbazwa ku wa 03 Rusama uko umwaka utashe. Basaba leta guca bugufi ikemera kunegurwa n’amatohoza y’abamenyeshamakuru, kugira ibibazo biri mu gihugu bishobore gutora umuti urama.
II. Haracari agahaze ku bijanye n’ukumenyesha amakuru mu Burundi. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ; asaba ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru gushira mu ngiro, bukongera bugasohora igitabu kirimwo ibibazo n’inyishu vyavuye mu nama rukokoma yo kumenyesha amakuru yabaye mu mwaka uheze, ku magenekerezo ya 24 na 25 Munyonyo, na rirya iyo nama iba haciye imyaka cumi. Ni mu gihe uno munsi kw’igenekerezo rya gatatu Rusama ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.
III. Uwo munsi wo guhimbaza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ukaba ugeze mu gihe mu Burundi uyu munsi umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afunzwe azira umwuga wo kumenyesha amakuru, akaba yanaciriwe n’umunyororo w’imyaka cumi. Innocent Muhozi, umuyobozi w’imboneshakure Renaissance aranegura ifungwa ry’uwo mumenyeshamakuru agasaba ko Floriane Irangabiye yofungurwa, kuko ataco ariko arazira.
IV. No mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko abamenyeshamakuru bizwi ko bahagararira ukuri, isi yose itegerezwa kubashigikira. Ako n’akamo ka Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU. Akaba agateye kuri uno wa 3 Rusama, umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Agasaba ko itera bwoba, ubwicanyi n’ifatwa ry’agasakisaki bikorerwa abamenyeshamakuru bihagarara.
V. Hari ikiziga c’umukenyezi catowe mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, mu gisagara ca Rutana, ku mugwa mukuru wa komine Rutana. Ico kiziga c’umukenyezi cahavuye kimenyekana, akaba ari umukenyezi azwi kw’izina rya Séraphina aho catowe munsi y’igiti c’ivoka, hagati mu gisagara ca Rutana impande y’ikibuga c’umupira w’amaboko basketball. Ababonye ico kiziga ngo kikaba cari cambaye agapira konyene, bikavugwa ko abamugandaguye boba babanje kumushurashuza, baraheza baza kumuta ngaho. Uwo mukenyezi w’abana 4, ngo akaba yari yabuzwe irengero kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 1 rusama. Ayo makuru nyene akavuga ko umugabo wiwe azwi kw’izina rya Michel atigeze acira no hasi kuva uwo mukenyezi abuzwe irengero. Ababanyi bakaba bemezako nyakwigendera yarasanzwe abanye nabi n’uwo mugabo, bivugwako yoba asanzwe azwi cane mu kudandaza ibiyayuramutwe ngaho mu gisagara ca Rutana. Ikiziga ca Séraphine kikaba caciye gifubwa n’abakozi ba Croix-Rouge bafadikanije n’igipolisi. Uwo mugabo wiwe akaba nawe yaciye ahagarikwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Uwo mukenyezi yaturuka mu ntara ya Karusi, Michel nawe akaba ava muri komine Mpinga Kayove muri iyo ntara nyene ya Rutana.
VI. Abantu batanu barashengeye, 11 barakomereka bivuye ku musozi wahungurutse, inyuma y’imvura nyinshi ivanze igihuhusi yaguye kuri uyu wa kabiri, ku mutumba Nyenkarange, komine Rugazi, intara ya Bubanza. Abajejwe intwaro basaba abagira neza kugarukira kubarokotse.
VII. Imyidogo ni yose ku bashoferi baja kuzana imiduga hanze mu gihugu ca Tanzaniya no muri Kenya. Imvo nyamukuru ngo babasaba impapuro z’amananiza imbere yo kuja hanze. Basaba umukuru w’igihugu kubakurako izo ngingo z’agahotoro.