I. Abafise ibimenyetso vy’indwara y’umugera COVID-19 bari mu Burundi, ngo bashima kwitura abakoresha imiti y’ikirundi. Ngo ivyo biterwa n’uko iyo bagiye kwa muganga bakavuga uko biyumva, abaganga bihutira kubasubiza inyuma. Umwe mubo vyashikiye yaganiriye na Radio Inzamba, avuga ko ari nka hamwe vy’ukuri yoba yaranduye uwo mugera, yoba amaze kwanduza abatari bake, kuko yabandanije akora.
II. Kubona abiketse ko bafise ibimenyetso vya Coronavirus basubizwa inyuma mu gihe baba bagiye kwitura abaganga, ngo bituma ababandanya kwandura uwo mugera bagwirirana. Bisigurwa na Muganga Juvenal Habarugira. Avuga kandi ko vyose bitumwa n’uko atakiriko kirakorwa ngo habe ukwikingira bikwiye.
III. Ikiziga c’umuntu catowe kuri uyu wa gatatu muri zone Rubirizi, iri mu ntara ya Bujumbura. Caciye gihambwa atawuramenya uwo yapfuye uwariwe, nkuko amakuru ava aho mu Rubirizi avyemeza. Ivyo vy’uko ibiziga bitowe bica bihambwa ata matohoza abaye, birateye umutima uhagaze umuhari w’agateka ka zina muntu Iteka.
IV. Umuyobozi w’amashure muri komine ya Mutaho mu ntara ya Gitega, Anatole Mbazumutima, aridegemvya kuva kuri uyu wa kabiri. Yari yafunzwe yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umwigeme w’imyaka 14, yakora iwe akazi ko kurera abana. Anatole yejejwe mu rubanza rwa sentare nkuru y’intara ya Gitega rwashashe kuwa 27 Rusama uyu mwaka, kubera habuze uwo mu muryango w’uyo mwana aja kumwagiriza. Abavyeyi b’aho i Mutaho barababajwe cane n’iyo ngingo, kuko ababuranira leta bategerezwa kuburanira uyo mwana nk’ayandi ma dosiye yose y’ubugizi bwa nabi.
V. Amakungu yategerezwa kwirinda gusaba abarundi ngo bemere ubutegetsi butigeze bwiyumvira na gato kubazanira amahoro. Ivyo biri mw’itangazo umugambwe RDB wasohoye kuri uyu wa gatatu. Jérémie Minani arongoye uwo mugambwe, arerekana ko kwitwara ku mugambwe CNL muri Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kuvyerekeye amatora yibwe, ataco bizotanga kubera iyo sentare ihurikiyemwo abacamanza bari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.