Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/06/2023

Publié le 3 juin 2023 par Rédaction
I. Amabi akorerwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye arabandanya. Uno musi basubije inyuma banafata nabi umuntu yaraje kumuraba mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga. Ivyo bikaba vyakozwe n’uwujejwe umutekano mushasha muri iryo bohero yitwa Aimable. Abandi banyororo babibonye bari bagendewe n’ababo, bavuga ko uwo mupolisi w’umu brigadier yabwiye uwo yaraje kuramutsa Floriane Irangabiye, ko ashaka kwivanga mu vya politike. Mu majambo yakoresheje hakaba harimwo n’ay’iterabwoba. Kuko mu gihe uwo yaje kuraba Floriane yariko aramutakambira ngo amureke arabe uwo mumenyeshamakuru, umupolisi Aimable yamubwiye ko aravye nabi amushishura, amubwira ko ahubwo ahava atwarwa gupfungwa mu gasho k’igipolisi aho i Muyinga. Amakuru dukura ngaho muri uwo munyororo, akavuga ko ivyo uwo mu brigadier abikora kw’itegeko yoba yahawe n’uwurongoye iryo bohero Serges Nsabuwandemye, umunyamabanga w’iryo bohero Béatrice Habarugira, be n’uwujejwe igisata c’imibano Bélyse Kaneza.
II. Mu gatondo k’uno musi, abapolisi batari bake bazindutse bugariza ingoro z’umugambwe CNL muri quartier y’icenda iri muri zone ya Ngangara, n’iyiri ku Mutanga Nord muri zone ya Gihosha zose ziri mu gisagara ca Bujumbura. Ngo hari mu ntumbero yo kubuza ko ata gikorwa na kimwe cemerewe kubera muri izo ngoro kuri uno musi. Ivyo vyahuriranye n’uko uno musi nyene abapolisi basanzwe bacungera umutekano w’umukuru w’uwo mugambwe Agathon Rwasa bahinduwe. Ivyo vyose bikaba biteye amakenga abanywanyi b’uwo mugambwe.
III. Abarundikazi bategerezwa kuja hamwe bakarwanira ko amasezerano ya Arusha agaruka. Ako kamo kari mw’itangazo ryasohowe uno musi n’umuhari Inamahoro. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, avuga ko vyapfunditswe mu nama y’imisi itatu yakoranije i Kigali abakenyezi b’impunzi baba mu bihugu vy’akarere k’ubuseruko bw’Africa. Iciyumviro c’iyo nama kikaba cavuye ku yandi manama abiri yabereye mu Bubirigi mu kwezi kwa kane aho hizwe ikibazo c’ayo masezerano. Ku bwa Marie Louise Baricako, amasezerano ya Arusha ni wo muti urama ku bibazo bihanze Uburundi.
IV. Abarongoye intwaro bo mu ntara ya Rumonge nta bubasha bafise bwo kurengera ingingo iba yafashwe na sentare. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Ni mu gihe hari abantu icenda bafashwe mu ntara ya Rumonge bariko baravunja amafranga batabifitiye uburenganzira, sentare nkuru ya Rumonge ikabacira ihadabu y’amafaranga ibihumbi ijana hamwe no gufata amahera yose bariko barakoresha mu kuvunja. Iryo hadabu bakaba bararirishe, ariko Buramatari w’intara ya Rumonge yafashe ingingo yo kubagumiza mu munyororo. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu guhana uwo Buramatari kuko yavuguruje ubutungane, agasaba ubutungane kwihagararako bukarekura abo bafungwa.
V. Abagizi ba nabi bose bari bagize imisi batema abantu n’imipanga mu ntara ya Bururi bose barafashwe. Vyemejwe n’umushikiranganji w intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, mu gihe yariko akora ibikorwa rusangi kuri uyu wa gatandatu mu ntara ya Kayanza. Martin Niteretse akavuga ko uwari hejuru y’abo bagizi ba nabi yari umu Pasteur, agasaba ariko abanyagihugu kubandanya barikanuye kugira ntihagire uwubaca mu ryahumye.
VI. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku ngingo zafatiwe mu nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vy’akarere iheruka, ku bijanye n’imigwi yitwaje ibirwanisho y’abanyamahanga icumbitse muri Republika ya Demokarasi ya Congo.

Ibindi bisa n'ibi