I. Ishirahamwe Olucome risaba umukuru w’igihugu mushasha gushira mu ngiro ivyo yashikirije mw’ijambo ryo kuwa 30 Ruheshi, mu guhana abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta, ahereye ku bahora bagize leta yahahora. Gabriel Rufyiri arongoye Olucome agahagarara cane cane ku bunyonyezi avuga ko bwakozwe n’uwahoze ari umushikiranganji w’ubutare n’agataka Côme Manirakiza. Uyu nawe akaba aherutse gushimirwa na Evariste Ndayishimiye arongoye Uburundi, hari ku musi mukuru twibuka imyaka 58 yo kwikukira kw’Uburundi.
II. Kugira leta nshasha ihangane n’ibibazo bigoye igihugu, yategerezwa gushiraho umugambi w’igihugu wiga uko abanyagihugu babayeho, n’ivyo bakeneye kugira biteze imbere, n’ingene uburyo buzobikora bwegeranywa. Ibi vyashikirijwe na Faustin Ndikumana, umuhinga mu bijanye n’intwaro ibereye n’ubutunzi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Ikindi ngo leta nshasha n’ishire mu ngiro ivyo iriko iriyemeza mu gushaka gutahukana impunzi.
III. Urunani CFOR-Arusha rwandikiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo rifate mu minwe ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya. Aho ni mu gihe ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya bifise umugambi wo gutahukana izo mpunzi ku nguvu. Urunani CFOR-Arusha rugatinya ko abahunguwe mur’ubwo buryo, boshika bakorerwa amabi menshi, harimwo n’ubwicanyi kuko ivyo bari bahunze bigihari. Chauvineau MUGWENGEZO, arongoye urunani CFOR-Arusha.
IV. Amabohero yo mu Burundi arimwo abanyororo b’umurengera ugereranije n’ubushobozi ayo mabohero yari afise bwo kwakira abanyororo, acubakwa. Ivyo bitumwa n’uko hari abantu bapfungirwa ubusa. Abandi nabo ugasanga imanza zabo ntizihabwa intumbero ngo zicibwe. Ivyo bikunyurwa n’uko abejejwe n’amasentare hamwe n’abahejeje ikiringo co gupfungwa, nabo nyene badaheza ngo barekurwe ku gihe.
V. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yasohoye urwandiko kuri uyu wa gatanu, inyuma y’itorwa ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aho bavuga ko batangajwe n’imvugo yiwe ku bijanye n’itahukanwa ry’impunzi n’igenwa rya bamwe mu basanzwe bari mu nzego za gisikirare, ngo barongore igihugu. Ibiri muri iryo tangazo tubibwirwa na Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT-Burundi akaba ari imwe mu mashirahamwe yateye umukono kuri urwo rwandiko. Ayo mashirahamwe asaba Evariste NDAYISHIMIYE kurekura abapfungiwe ivya poritike.
VI. Ntawojana na rwo ngo yemere ivyo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yavuze, ko agiye kugwanya Covid-19. Bishikirizwa n’ishirahamwe Human Rights Watch. Iryo shirahamwe rikabivuga rifatiye ku nyifato y’abategetsi, n’itotezwa ryakorerwa uwuhirahiriye akavuga ibijanye n’ico kiza.
VII. Ingaruka mbi ziturutse ku kiza corona zabaye nyinshi ku mpunzi z’abarundi zahungiye mu buseruko bw’igihugu c’Urwanda. Bamwe muri abo barundi bahora bakora imirimo itandukanye, bavuga ko gushika ubu bataronka ukwo babeshaho imiryango yabo, kubera batakaje ubuzi.