Post Views: 0
I. Umuntu umwe yarapfiriye mu gasho ka zone Gatete muri komine n’intara ya Rumonge kuri uwu w’Imana. Amakuru ava muri iyo zone avuga ko uwo mugabo yazanywe gupfungwa mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu inyuma yo gukubitwa n’urwaruka rw’imbonerakure. Umupolisi yamwakiriye akanamwinjiza agasho akaba na we yahagaritswe n’inyamiramabi.
II. Abaserukiye Leta y’Uburundi bafashe ingingo yo gusohoka ikibanza cariko kirigirwamwo uko Uburundi bwigenjeje mu bijanye n’agateka ka muntu i Genève mu bu Suisse kuri uno wa mbere. Ni inyuma y’aho umugwi ujejwe agateka ka zina muntu wanse gutaramura bamwe mu baharanira agateka ka muntu mu Burundi, leta ivuga ko ari inkozi z’ikibi. Ivyo abaharanira agateka ka muntu bita akamaramaza. Umushingwamanza Armel Niyongere aranegura iyo nyifato y’intumwa za leta kuko ngo ata shingiro yari ifise, agakeza uwo mugwi uraba ivy’agateka ka zina muntu ko wahisemwo kubandanya ico gikorwa.
III. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arasaba abarundi kuvavanura n’agatima k’urwanko n’ak’amacakubiri vyaranze igihugu, mu bihe bitari bike inyuma yaho Uburundi buronkeye intahe y’ukwikukira. Ako kamo yagateye mw’ijambo yashikirije ku wa mbere Mukakaro uheze, igihe Uburundi bwahimbaza imyaka 61 iheze buronse intahe yo kwikukira. Yasiguye ko iyo ari yo nzira yonyene yo gutsimbataza iyo ntahe.
IV. Mu runani CFOR Arusha, babona ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye we nyene, ari we yari gufata iya mbere mu kurwanya ayo macakubiri yazingamitse igihugu. Ariko urwo runani rusanga atariko bimeze uno musi, ahubwo rugasanga amacakubiri ajanye n’ivy’amoko n’imigambwe, hamwe n’amajambo abiba urwanko arivyo biguma vyiganje mu gihugu kandi ntibihanwe. Jean-Bosco Rwigemera, ni icegera c’umukuru w’urunani CFOR Arusha, ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta.
V. Amezi 8 ararumanye abakenyezi n’abigeme bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Lusenda mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira demokrasi bataronswa ibikoresho bibafasha mu bihe bari mu butinyanka. Muri iki gihe bakaba bakoresha ibitambara bidasukuye, bigatuma bandura indwara zitandukanye zifatiye kw’isuku rike.
VI. Imyidogo ni myinshi mu miryango y’abatwa baba ku mitumba ya Cibari na Mukoni iri muri komine n’intara ya Muyinga. Bakaba bafise amakenga ko bashobora kwimurirwa ahandi. Abo batwa bakavuga ko hamwe ivyo bibaye kwoba ari ukubahohotera, ngo kuko har’ivyo bamaze gukorera muri ayo matongo bibatungiye imiryango. Bamwe muri bo bakavuga mbere ko ingingo nk’iyo ataho yoba itaniye no kubahonya. Buramatari w’intara ya Muyinga, Jean-Claude Barutwanayo, arabahumuriza akamenyesha ko ata mugambi uriho wo kubakura aho basanzwe baba, ariko ngo bibaye ngombwa bazimuka baje kubana hamwe n’abandi mu mugambi w’ibigwati.
VII. Harakwiye gukorwa isuzuma mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana bita cooperative mu gifaransa rigakorwa n’abahinga bavuye hanze, mu gihe hariho ayaronka amafranga avuye mu kigega ca leta. Ivyo bisabwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ni mu gihe kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro, amakungu ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ama coopératives. Ku bwiwe, iryo suzuma ribaye ryofasha cane mu kuraba intererano vy’ukuri ayo ma coooperatives aterera mu gihugu, kuko ahabwa uburyo na leta.
VIII. Itangwa nabi ry’igitoro riraraje ishinga abakirondera ku ma stations atandukanye yo mu ntara ya Makamba. Abapolisi baradomwako urutoki, kuba bari kw’isonga ry’iryo tangwa nabi ry’igitoro. Abagikoresha bagasaba abajejwe intwaro gufata ico kibazo mu minwe.
IX. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye, Uburundi bwarirukanywe mu nkino za Basketball z’abahungu n’abigeme batarenza imyaka 16 zabereye mu Rwanda. Iyo ngingo ikaba yafashwe kubera basanze abakinyi nka bose barenza imyaka 16, co kimwe n’igihugu ca Tanzaniya. Mu mupira w’amaguru, Vital’O na Flambeau du centre ni yo migwi yaraye ironse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe Président.