Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/08/2022

Publié le 3 août 2022 par Rédaction
I. Abanyagihugu bo muri quartier Mugoboka ya zone Rohero muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, baridoga ko hari agatotezo bakorerwa n’imbonerakure ziri kumwe n’uwurongoye iyo quartier Jean Pierre Nimbona. Bamwagiriza ko yashinze imbuga bakubitiramwo abantu bagirijwe ubusuma canke abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi. Hari umukenyezi yari amaze imisi itandatu apfungiwe mu gasho ka zone Rohero yagirizwa gutabura agapira k’umugambwe CNDD-FDD. Ababibonye bo bakemeza ko uwo mukenyezi yarementanirijwe n’izo mbonerakure mu gihe yaje kwamira aho izo mbonerakure zariko zikubita umuntu.
II. Abantu 16 baragandaguwe, umwe yaranyurujwe, abandi 2 barapfungwa hadakurikijwe amategeko. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi c’ukwezi kw’indwi. Augustin Nimubona ajejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko batewe ubwoba n’ibiziga biguma bitorwa bimanitse ku biti. Aha bagasaba leta gukora amatohoza yimbitse kuri ivyo biziga.
III. Akanyamuneza ni kose ku bihereza inyama be n’abayangayanga bo mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe hari haheze amezi atatu bibujijwe kubaga ibitungwa kubera inyonko bise fièvre de la vallée du Rift, yafashe ibitungwa, uno musi leta yatanze uruhusha rwo gusubira kubaga ibitungwa mu gihugu cose.
IV. Imyidogo ni yose mu bakozi bakorera ishirahamwe Niwakal Company risanzwe rihingura imifuko rikorera mu ntara ya Muyinga no mu gisagara ca Bujumbura. Abo bakozi bamaze amezi arenga atandatu bataronswa agashahara kabo. Basaba umugwizatunga Saidi Niyungeko nyene iryo shirahamwe, kubatunganiriza.
V. Harabandanya kwibonekeza abasegereza mu gisagara ca Kayanza mu ntara ya Kayanza nyene, naho hamaze indwi zibiri hafashwe ingingo zo kubirukana mu bisagara vyose vy’igihugu. Ni mu gihe abo basegereza benshi muri bo basanzwe bagendana ubumuga. Bamwe muri bo baganiriye na Radiyo Inzamba bavuga ko iyo ngingo bayizi, ariko ari ba ntahonikora kandi batunze n’imiryango. Bavuga ko batarota bava muri ico gisagara kuko batagira iyo baja kandi ari naho bazeye uburaro n’uburamuko. Bagasaba ko bogarukirwa bakabaronsa uburyo bwo gukora, kugira bashobore kwibeshaho.

Ibindi bisa n'ibi