I. Musitanteri arongoye komine ya Mukike mu ntara ya Bujumbura, Frédéric Manirakiza, ntahakana na gato ko komine arongoye imaze imisi itegwa n’abitwaje ibigwanisho. Uyo arongoye iyo komine akaba yemeza kandi ko hari abanyagihugu bishwe, abandi nabo baraburwa irengero mu bitero biherutse kuba muri iyo komine. Musitanteri wa Mukike akaba yabishikirije kuri uyu wa kane, mu gihe iyo komine yari iramutse igenderwa n’uwurongoye inama nkenguzamateka hamwe n’abandi bashingamateka batowe muri iyo ntara.
II. Urunani CFOR-ARUSHA rwasohoye itangazo, kuri uyu wa kane, rwiyamiriza amabi akorerwa abanyagihugu inyuma y’igitero cabaye mu ma komine ya Muhuta na Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Urwo runani rusaba leta kugirana ibiganiro n’abatera igihugu, aho kwitwaza ivyo bitero mu gushira mu ngiro ihonyabwoko ry’abatutsi. Chauvineau MUGWENGEZO, arongoye urunani CFOR-ARUSHA.
III. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch risaba ko umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wokongererwa ikiringo. Human Rights Watch ikabona ko ubumwe bwa bulaya busa n’ubwoba buriko burirengagiza ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, iryo shirahamwe rikabusaba guhaguruka nyabuna .
IV. Abantu bagera kuri 63 nibo bamenyekanye ko bishwe, 6 baranyurujwe, 33 barahagaritswe bongera barapfungwa hadakurikijwe amategeko, nayo abagera kuri 19 barasinzikarijwe ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’isihirahamwe ACAT-Burundi co mu kwezi guheze kw’umunani. Bamwe mu bajejwe umutekano, abasirikare, abajejwe intwaro hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD bari mu bagirizwa n’ico cegeranyo ca ACAT- Burundi. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, avuga ko ugusinzikariza ubuzima kiremwa muntu vyimonogoje cane inyuma y’ibitero bivugwa ko vyakozwe n’imirwi y’abarwanyi, mu ma komine y’intara ya Rumonge.
V. Abarundi bahungiye i Nduta baratewe umutima uhagaze n’uko babuzwa kuja gusenya inkwi, kandi ata yandi mikoro bafise kugira bashobore gukinjika imfungurwa bahabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR. Basaba HCR kurondera uko hejuru y’ibifungurwa bahabwa bokongerako ibikoresho vyo gukinjika nk’inkwi canke amakara.
VI. Impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Mulongwe muri Repuburika iharanira demokarasi ya Congo zisanzwe zirimira inyuma y’ikambi, ziridoga ko zirenganwa. Zagiriza nyene itongo zirimamwo kuba abategeka kugabura ivyo bimbuye, kandi bararishe amahera yo gukotesha.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero haraheze imisi 318 i Bubanza. Baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe, naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice n’ihadabu ringana n’umuliyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa 10 umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine Musigati ahariko harabera intambara, hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Na bo ni Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana, bagirizwa kwifatanya n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa, kuko atacaha bakoze uretse ko bakoze akazi kabo.