I. Hari umwigeme wo muri komine n’intara ya Bururi apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi hafi indwi zibiri atarasambishwa. Abegereye umuryango wiwe basaba kumenyeshwa ico ariko arazira. Bakavuga kandi ko bafise amakenga k’umutekano wiwe, bagasaba ko yorekurwa kuko bavuga ko ataco ariko arazira.
II. Kuri uyu wa kane, niho hasozerwa inama igira kane y’abaserukira ibihugu vy’Uburundi na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Uwo mubonano wabereye muri Congo, wariko uhuza abaserukira imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri. Kubwa Albert Shingiro umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, ngo Uburundi na Congo bibona kumwe ibijanye no kurwanya imirwi ihungabanya umutekano ku mipaka y’ivyo bihugu bibiri. Uwo mubonano warumaze iminsi itatu, wari watunganijwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyari vyaganiriwe n’impande zibiri. Hari mu rugendo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaheruka kugira muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
III. Umwihwezo ugira gatatu w’amanota (délibération) waratunganijwe kuri Lycée communal Karunyinya iri muri komine Muruta, intara ya Kayanza. Ivyo vyabaye ku wa gatatu uheze, hasigaye imisi 12 ngo umwaka mushasha w’ishure utangure. Iyo ngingo yafashwe n’ubuyobozi bw’indero muri iyo komine, nk’uko amakuru avayo avyemeza. Icabiteye n’uko hari abanyeshure bitwaye bavuga ko hagiyemwo igiturire mu gutanga amanota ku banyeshure bamwe bamwe, mu mwaka w’ishure uheze.
IV. Haribonekeza ubukene bw’igitoro mu ntara ya Rumonge. Abakoresha igitoro cane cane abarovyi n’abunguruza abantu ku mapikipiki n’amamodokari, basigura ko bituma badakora neza imirimo yabo. Bamwe mu bakozi b’ama station bakaba basigura ko igitoro catevye kubashikira.
V. Ikena ry’igitoro kandi imisi ibaye itatu ata gitoro co mu bwoko bwa Mazout kibonetse ku ma stations yose yo ku mugwa mukuru wa politike i Gitega. Abagendesha imiduga inywa ico gitoro bavuga ko ikena ryaco ribangamiye cane akazi bakora. Ibiciro na vyo ntivyatevye kuduzwa hamwe hamwe aho abiyunguruza barihishwa itike igwijwe 2 ku yo bahora bariha. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru haheze indwi zibiri, Léonidas Sindayigaya, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, yari yijeje ko igitoro gikwiye kigiye kuboneka mu gihugu cose.
VI. Mu ntara ya Muyinga, ibiciro vy’ibikoresho vya nkenerwa mu kwubaka amazu canke izindi nyubakwa vyaraduze incuro zibiri mu mezi atatu gusa. Nk’uko amakuru dukura muri iyo ntara abivuga, ivyo bikoresho ni nk’ivyuma, amabati, isima n’ibindi bikunda gukenerwa mu kwubaka. Ivyo birongera bikanemezwa n’abakunda kubikoresha.
VII. Leta y’Uburundi ngo ikwiye gufata ingingo zihuta ku kibazo c’ishirahamwe ONATEL mu kwirinda amadeni y’umurengera hamwe n’imanza vyoza bibangamira ikigega ca Leta. Bishikirizwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana, inyuma y’amajambo yashikirijwe n’abategetsi bo mu rwego rwo hejuru mu gihugu, kuri ico kibazo. Ku bw’uwo muhinga kandi ngo abo bategetsi bari mu bazobibazwa.
VIII. Tatiano Sibomana, umunyepolitike yanonosoye ibijanye n’amategeko y’igihugu, arerekana ko amesezerano ya Arusha ata tegeko na rimwe riyaza imbere mu gihugu. Amategeko yose ashingwa mu gihugu, yategerezwa kwisunga ayo masezerano. Tatiano Sibomana arerekana kandi n’ibimenyetso ko ata gikozwe amasezerano ya Arusha ashobora kuzimangana. Ivyo Tatiano Sibomana abishikirije mu ntumbero y’urukurikirane rw’isekeza ryatunganijwe n’umuhari MAP-Burundi Buhire hibukwa imyaka 21 iheze hateweko igikumu amasezerano y’amahoro no kunywanisha abarundi y’i Arusha.
IX. No mu gisata co kumenyesha amakuru, amasezerano ya Arusha ngo yatumye icuka ca politike gihinduka, abanyepolitike baganira bahuza, gutyo abamenyeshamakuru na bo bakorera mu cuka ciza. Ivyo bisigurwa na Antoine Kaburahe, yashinze ikinyamakuru IWACU.