I. Ikiziga c’umukenyezi caratowe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri ku mutumba na komine Bweru, mu ntara ya Ruyigi. Akaba yamenyekanye kw’izina rya Gonzague Niyitunga, w’imyaka 30, akaba yarafise n’abana batatu. Ikiziga ciwe cabonywe n’abari bazindutse mu mirimo yabo. Imvo n’uburyo yishwemwo bukaba butaramenyekana. Amakuru ava ngaho mu ntwaro yemeza ko yafashwe ku nguvu imbere yo kwicwa. Gonzague Niyitunga yari yabonywe ubwa nyuma ariko asangira urukanywa n’abagabo babiri. Muri kino gihe, abo bagabo babiri bakaba bari mu minwe y’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
II. Kuva sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko ishingwa mu mwaka wa 2001, yarakiriye imanza zirenga 500 ; muri izo zirenga amajana atatu zaraciwe. Vyashikirijwe na Nestor Kayobera, umukuru w’iyo sentare kuri uyu wa gatatu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, buca hahimbazwa imyaka mirongo ibiri irangiye iyo sentare ishinzwe. Uwo mwimbu mwiza ngo wavuye kw’itunganywa ryiza mu bijanye n’intwaro n’icungerwa ry’ibikorwa.
III. Sentare ya Afrika y’ubuseruko ngo iracafise vyinshi bikiyigoye kuko hari ama dosiye ishikako igasha, na cane cane ayakingira agateka ka zina muntu mu bihugu bigize umuryango wa EAC. Bishikirizwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abashingwamanza bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Me Dieudonné Bashirahishize avuga ko abacamanza bagize iyo sentare bashira imbere inyungu z’ama leta, ari na yo aba yabagenye muri ivyo bibanza. Asaba nyabuna iyo sentare gushishoza kugira inyuma y’imyaka 20 imaze ikora, ishire imbere ugukingira agateka ka zina muntu be na demokarasi mu bihugu bigize uwo muryango.
IV. Ku ma station atandukanye mu gisagara ca Bujumbura ahari igitoro, harangwa n’imirongo miremire kuri uyu wa gatatu. Ni mu gihe ejo ku wa kabiri ata gitoro carangwa mu gisagara ca Bujumbura. Naho caboneka, camara umwanya urume rumara. Ibituma abunguruza abantu n’ibintu bemeza ko akazi kabo kabatungiye imiryango gasa n’akahagaze. Basaba ko ababijejwe botorera inyishu ico kibazo.
V. Ubukene bw’amafaranga y’agaciro mu gihugu n’uko habuze ikigega c’integabizoza c’igitoro, biri muri bimwe mu bituma igitoro kibura cane mu gihugu. Umwihwezo w’ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye, ahanura leta kwiyumvira mu maguru masha aho yosaba imfashanyo canke ingurane yihuta, yoza gutorera inyishu ikena ry’amafranga y’agaciro.
VI. Abakozi b’ishirahamwe Afritextile rikora impuzu ry’i Bujumbura bazindutse bahagarika akazi kuri uyu wa gatatu. Basaba ko amategeko agenga akazi n’abakozi yokwubahirizwa, hakaba n’ibiganiro hagati y’abakozi n’umukoresha. Abo bakozi vyari bitegekanijwe ko bahabwa umubonano n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe bakaba batashoboye kugenda kuvugana, kuko hari igipolisi batinya ko boca batabwa muri yompi.
VII. Inama yari itegekanijwe yahuza ubuyobozi bwa Afritextile n’abaserukira abakozi bahagarariwe n’abagenduzi bo mu bugenduzi bukuru bw’akazi, yabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, abaserukira abakozi atari ho bari. Abo na bo bari bagaragaje amakenga bafise ku bapolisi baboneka ku bwinshi mu nyubakwa z’ishirahamwe Afritextile.
VIII. Umugwi washizweho ngo ukoreshe ikibazo c’abimirije gukora ikibazo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, ngo nta cizere ufitiwe. Bimenyeshwa n’abimirije gukora ico kibazo. Uwo mugwi washinzwe n’ubushikiranganji bw’akazi bufadikanije n’ubw’amagara y’abantu, ngo uze ukoreshe ikibazo mu ntara ya Makamba kuri uno wa gatanu.
IX. Kuri uno wa gatatu mu gitondo, igipolisi ca Tanzaniya cazindutse gifata impunzi zo mw’ikambi ya Nduta zifise ibitungwa. Umwe mu barundi baba ngaho I Nduta akavuga ko ari agatotezo kadasanzwe, kugira ngo izo mpunzi zihebe zitahe mu Burundi. Uyo munyagihugu asaba igihugu ca Tanzaniya kwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira impunzi.