I. Umunywanyi w’umugambwe CNL mu ntara ya Bubanza, yaraye yitavye Imana inyuma y’ugukubagurwa n’Imbonerakure zo ku Musenyi, muri komine Mpanda. Umuryango wiwe uvuga ko urwo rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rwamufashe hirya y’ejo ku musi wa kane, bamukura ku mutumba wa Nyabikere bamujana ku ruzi Gifurwe, mu nyuma bamugarukana ari intere. Inyamiramabi, OPJ, niwe yaciye amwakira aca amujana mu gasho. Ariko Lionel Nzoyisaba yabandanije aremba. Uwo mu OPJ niko kumujana kumuvuza, ariko aca asandabira kwa muganga. Umuryango wiwe uvuga ko uzi abamukubaguye, bakavuga cane cane imbonerakure yitwa Basabose, hamwe na musitanteri n’uwurongoye zone. Ivyo bikaba vyateye agahinda abatari bake, harimwo n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako awurongoye, akavuga ko umukenyezi wa Lionel Nzoyisaba ashobora nawe nyene kwicwa kubera yateye akamo avuga n’abakoreye ako kabi umugabo wiwe. Marie Louise Baricako agasaba rero ko uwo mukenyezi yapfakajwe yokingirwa.
II. Abasirikare b’Uburundi umunani ni bo batahukanywe ibiziga mw’ijoro ry’uwa kabiri ushira uwa gatatu w’iyi ndwi. Abarenga 20 na bo ni abakomerekeye mu ntambara z’abahuje n’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Ibiziga vy’abo basirikare basize ubuzima mu ntambara za Congo vyashikijwe mu buruhukiro bw’ikambi ya DCA passive bita Guantanamo. Abakomeretse bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vya gisirikare no mu bindi bibanza bitandukanye.
III. Uwurongoye umugambwe CNDD-FDD hamwe n’uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba bari mu minwe y’igipolisi kuva mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu. Nk’uko bivugwa na bamwe mu bagize inama mpanuzwajambo y’iyo komine, inyuma y’aho iyo nama ifatiye ingingo yo guhagarika abayirongoye kuri uyu wa gatanu, bamwe mu bafashe ingingo bariko baraturatura kuva mu bucagucagu bwa kino gitondo co ku wa gatandatu. Bavuga ko imihana yabo yazindutse yugarijwe n’igipolisi kubera ingingo baraye bafashe.
IV. Ikigega ca Afrika kijejwe iterambere Fond Africain de développement carahaye Urwanda n’Uburundi amafranga angana n’imiliyoni 71 ku Rwanda n’imiliyoni 3 mu ma dolari y’abanyamerika ku Burundi. Ico kigega casohoye ayo mafranga kugira hubakwe amabarabara afasha mu migenderanire y’ivyo bihugu bibanyi. Iyo ngingo ikaba yafashwe kuri uyu wa kane, n’urwego nshingwantwaro rw’ico kigega.
V. Ibiturire, aka mwana wa mama hamwe n’ugushira imbere amaronko, ngo ni vyo vyiganziye igisata c’indero mu ntara ya Rumonge. Ivyo vyose, bamwe mu bigisha bavyagiriza umuyobozi w’indero muri iyo ntara Isaac Ndikuriyo. Abavyeyi hamwe n’abarezi basaba ko ibikorwa vy’uwo muyobozi w’indero mu ntara ya Rumonge bikurikiranirwa hafi n’ubushikiranhanji bw’indero kuko biboneka ko akorera kunyungu ziwe.
VI. Ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw’isi PAM ryarasubije inyuma ibiharage vyidogerwa ko bidasha, vyari vyatanzwe mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyo biharage bikaba vyari vyatanzwe ku mpunzi z’abarundi n’iz’abakongomani. Amakuru ava muri iyo kambi amenyesha ko abaserukira iryo shirahamwe hamwe n’abarongoye ikambi y’i Nyarugusu bari kumwe n’impunzi bagiranye inama aho hafashwe ingingo y’ukwo ivyo biharage bigiye guhagarikwa gutangwa.
VII. Ikiganiro Kw’isôko c’uno musi, kivuga ibijanye n’ukubika neza ibigori inyuma y’aho hagaragariye mu bubiko bw’ikigo ca ANAGESSA imifuko myinshi y’ibigori vyaboze.