Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/01/2021

Publié le 4 janvier 2021 par Rédaction
I. Umuryango w’abantu batandatu waraye wishwe wose ku mutumba Gisenyi, komine Buhiga, mu ntara ya Karusi. Serugo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Donatien Mpfayokurera. Yari umukukuruke mu gipolisi. Yicanywe n’umukenyezi wiwe Virginie Kabanyiginya, hamwe n’abana biwe bane, abahungu babiri n’abakobwa babiri. Bose bakaba bishwe banizwe. Ababanyi b’uwo muryango bamenyesha ko batazi icabishe, gusa bakemeza ko bari babanye neza n’abandi. Mu gihe hari abamaze guhagarikwa n’igipolisi kubera imvo z’amatohoza, abo kuri uwo mutumba basaba ko amatohoza yokwihuta kugira abakoze iryo bara bamenyekane, bakubitwe intahe mu gahanga.
II. Abantu batatu baraye bishwe, abandi batatu barakomereka, imodokari iraturirwa, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana. Abo bantu baguye mu mutego wabereye ahitwa ku Muhabo, umutumba Nyakimonyi, wa zone Vyuya na komine Mugamba mu ntara ya Bururi. Aya makuru akaba yemezwa n’abajejwe intwaro muri ako gace.
III. Umuhari w’agateka ka muntu Iteka uratera ivyatsi iyo mitego y’abitwaje ibirwanisho ihitana ubuzima bw’abanyagihugu muri iyi misi. Usaba abarongoye Uburundi gukora ibishoboka mu gukingira abo bajejwe. Ligue Iteka iranerekana ko abantu barenga 400 bishwe mu mwaka uheze. Muri bo harimwo abakenyezi n’abana, nkuko biri mu cegeranyo uwo muhari wasohoye ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka muntu. Andrée NSABIMANA ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka.
IV. Abahinga mu bijanye no gutunganya amashirahamwe nka REGIDESO basaba ko iryo shirahamwe ryohabwa abikorera ivyabo, gutyo rigafasha umunyagihugu kuronswa amatara n’amazi ata nkomanzi. N’inyuma yaho Evariste Ndayishimiye yagirije abakozi bo mu mashirahamwe ya leta ko aribo bahomvya mu kwiba ayo mashirahamwe, kugeza aho atembagara akagirire. Umukuru w’igihugu mu kiganiro gisozera umwaka yahaye abanyagihugu, yamenyesheje ko abakozi ba REGIDESO bagize umurwi wo kwiba abanyagihugu bategerezwa gutaha iwabo, ishirahamwe rigahabwa abikorera.
V. Ikiziga c’umwe mu barovyi yishwe n’imvubu ku nkengera za Tanganyika aho bita Mwange muri zone Kizuka, komine n’intara ya Rumonge, caratswe iyo mvubu ku munsi w’Imana aho yarigicungiye kuva ku munsi wa kane. Umushakashatsi mu bijanye n’ibidukikije Mamert Sabushimike, ashira ikosa ku kigo OBPE kijejwe gukingira ibikoko n’abantu. Kubwiwe, ico kigo categerezwa gushiraho ingingo zikingira ivyo bikoko, kuko abanyagihugu bohava bihora bakavyica, bikazanira uruhombo runini igihugu.
VI. Abakenyezi b’abarundi bahungiye i Mahama mu gihugu c’Urwanda bariyungunganya mu kujisha ibiseke, inkoko n’ibindi bikoresho bitandukanye, bakoresheje amahubahuba. Bavuga ko iyo babigurishije, udufaranga bakuyemwo tubasahiriza mu kugura ivyo bakeneye.

Ibindi bisa n'ibi