Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/01/2022

Publié le 4 janvier 2022 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umukenyezi w’umurundikazi aba mu gihugu c’Ububiligi catowe kuri uyu wa mbere mu cumba c’inzu yakira ingenzi yari arimwo, kimaze kwononekara. Iyo nzu iri muri quartier Gihosha rural muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Ababonye ico kiziga bavuga ko yoba yishwe anizwe n’abantu bataramenyekana. Abantu batandatu nibo bamaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
II. Umuntu w’umugabo yaraye yishwe ku musozi Bugera muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro. Prosper Kubwimana yishwe hafi nka satatu z’ijoro ryo kuri uyu wa mbere buca ari ku wa kabiri. Mu gipolisi mu ntara ya Mwaro, bavuga ko uyo muntu yariko yiba ibiraya mu murima, hanyuma akomeretswa n’abari baraririye iyo mirima, mu gihe yari agomvye kubatema bariko baramutesha kwiba. Umuntu umwe mu bakekwa akaba yafashwe ku mvo z’amatohoza. Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kureka kwihanira ahubwo bakitura ubutegetsi.
III. Umwaka wa 2021 wabaye umwaka wa mbere mubi mu bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu  Burundi kuva mu mwaka wa 2016, nk’uko bimenyeshwa n’abaharanira agateka ka zina muntu haba mu bijanye n’iburwa irengero canke no kuborezwa igufa. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, ikibabaje gusumba n’uko umukuru w’igihugu atigeze yerekana ugushaka kwo guhagarika ayo mabi atandukanye y’ihonyangwa rya kiremwa muntu.
IV. Uburundi ngo bukeneye abarongozi, kuva kubarongoye igihugu gushika mu ntwaro hasi, batahura agaciro k’ubuzima bwa kiremwa muntu. Aho ngo niho umuntu yokwizerako amabi akorerwa yoteba agahagarara. Pacifique Nininahazwe.
V. Ikigega mpuzamakungu c’ishirahamwe rya ONU kijejwe indero n’ugutabara vyihuta ibihugu bigeramiwe mu gisata c’indero mu co bita éducation sans délais mu rurimi rw’igifaransa, caremeye kuzotanga imfashanyo ingana n’imiriyoni cumi na zibiri z’amadorari y’abanyamerika azoza gufasha muri ico gisata.
Ico gikorwa kikazoshirwa mu ngiro na leta y’Uburundi ifadikanije n’ishirahamwe World Vision riri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka k’abana UNICEF. Uwo mugambi ukaba ufise intumbero yo kwegeranya amafranga angana n’imiriyoni cumi n’umunani z’amadorari y’abanyamerika. Igice ca mbere c’iyo mfashanyo kikazofasha abana barenga 130.000, ibice  mirongo itanu kw’ijana mu bazofashwa akazoba ari abana b’abigeme. Hakazofashwa n’abana barenga  300.000 bahevye amashure kubera ikiza ca Covid-19, abahungutse n’abahevye amashure kubera ingorane zijanye n’ihinduka ry’ibidukikije. Ayo mafranga yotegerejwe gukoreshwa mu guteza imbere akanovera k’indero mu Burundi. Libérat Ntibashirakandi yitaho ivy’indero mu vyo abona vyoshirwa imbere harimwo guha ubumenyi bukwiye abigisha no gutanga ibikoresho bikwiye vy’inyigisho mu mashure.
VI. Harakenewe uburyo kugira ngo abarundi baronswe ibintu vya nkenerwa mu gisata c’ubutunzi, muri uno mwaka dutanguye wa 2022. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ku bwiwe ngo hari vyinshi nk’amashure n’ikibuga c’indege bikwiye gusanurwa vyihutirwa akamenyesha kandi ko igisata c’uburimyi n’ubworozi kigikeneye vyinshi kugira gishobore kugwiza umwimbu, gutyo abanyagihugu bashobore kuronka icorirenza. Faustin Ndikumana.
VII. Faustin Ndikumana arongera akamenyesha ko mu bijanye n’intwaro ibereye, umugwi CVR ugifise akazi kuko hakiri agahaze. Faustin Ndikumana akamenyesha ko hari hakwiye nyabuna gushira mu ngiro ibikorwa vyoose vyavuye mu nama iheruka kuba, ku bijanye n’ubutunzi babifadikanyijemwo na leta.

Ibindi bisa n'ibi