-
Invugo iherutse gushikirizwa n,umunyamabanga mukuru w,umugambwe CNDD FDD aho avuga ko Leta y,uburundi yarungitse abasirikare muri kongo kw,irukana abasuma ari invugo ifobetse kandi abategetsi buburundi bakunda gukoresha iyo habaye ibitero mugihugu.Ivyo bivurwa na Jean Bosco Rwigemera icegera c,uwurongoye CFOR ARUSHA aho avuga ko Reverien Ndikuriyo nagasuzuguro kenshi yariko avuga umuhari M23 hakaba hari mukiganiro yatanze kubamenyesha makuru kuruyu wa kabiri .jean Bosco rwigemwera agatangazwa n,inyungu uburundi bwoba bufise zo kuja gutuza abo umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yita abasuma.
-
Jean Bosco Rwigemera avuga ko atunva nagato ingene umunyamabanga mukuru w,umugambwe CNDD FDD avuga ko abasirikare barungitse muri congo gutuza abasuma mugihe amaraporo atandukanye avuga ko birirwa barafata kunguvu abakenyezi nabigeme bakongera bagasahura abanyangihugu .
-
Ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda vyari bikwiye gushirimbere ibiganiro mu ntumbero yo gutorera inyishu z’ibibazo vyose bijanye n’imigenderanire hagati yavyo. Ivyo bisabwa n’imugambwe Sahwanya Frodebu ubonakako ivyo bihugu bisa nivyasubiye gushamirana. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uno wa kane, werekanye ko iyo hari ukutumvikana hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri , abanyagihugu bavyo aribo bahahombera , ukifuzako bitosubira kuba .
-
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu « LIGUE ITEKA » ririyamiriza imvugo ya Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ihamagarira Abarundi kwica abahuza ibitsina babisangiye. Anchaire Nikoyagize arongoye Ligue Iteka akavuga ko iyo mvugo izotuma n’abadahuzuza ibitsina bicwa ku mvo zitandukanye na cane cane abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi.
-
Asaba umukuru w’igihugu gufata ingingo zibereye kugira ngo ahagarike ivyo bintu na cane cane ko himirije amatora, kuko kahise kerekana ko ico kiringo gikunda kugenda nabi.