I. Hari abasirikare b’Uburundi bangana ibataillon bajabutse kuva ku musi wa mbere gushika ku wa gatatu ikiyaga Tanganyika bagenda mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko mu karere ka Fizi. Abo basirikare begeranijwe bakurwa mu ntara ya gatatu n’iya kane ya gisirikare. Amakuru ava muri bamwe mu basirikare amenyesha ko abo basirikare bajabutse buririye ubwato mu bice vya Gitaza na Rutunga muri komine Muhuta y’intara ya Rumonge.
II. Umushikiranganji rero wo kwivuna abansi yarakwiye kubazwa neza ku mabi menshi abasirikare b’Uburundi bagirizwa gukora mu gihugu ca Congo. Bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye Urunani rw’amashirahamawe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Ku bwiwe abanyagihugu ba Congo barafise uburenganzira bwo kuzokwitwarira leta y’Uburundi kuri ayo mabi bariko barakorerwa n’abasirikare b’Uburundi.
III. Bamwe mu banyagihugu nabo bo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura batewe umutima uhagaze n’imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, rukizura ijoro rikanahagarika abantu mbere rikanahagarika imirimo imwe imwe. Abo banyagihugu basaba ko ivyo bikorwa vyohagarikwa, kuko abategetsi bemeza ko igihugu kiri mu mahoro n’umutekano.
IV. Ubuzima bw’abanyororo bacitse kw’icumu inyuma yaho ibohero rya Gitega ryadukiyemwo umuriro rigahitana abatari bake burageramiwe. Bishikirizwa na Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT-Burundi. Mu cegeranyo iryo shirahamwe riheruka gusohora, ririyamiriza ifatwa nabi ry’abanyororo, na cane cane abagirizwa guhirika ubutegetsi aho badashobora kubonana n’imiryango yabo. Jean Claude Ntiburumunsi avuga ko ivyo biteye kubiri n’amategeko, bagasaba leta kwitaho abo banyororo no kubaronsa ubundi buraro.
V. Haribonekeza ubukene bw’amazi ku mitumba imwe imwe igize zone Mukungu, muri komine Nyanza-lac, intara ya Makamba. Abahaba bikora ku mazi ya Tanganyika mu bikorwa vyabo vya minsi yose, harimwo n’ayo kunywa, bakaba bafise amakenga ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Basaba ko boronswa amazi meza.
VI. Ugusenyera ku mugozi umwe kw’abarundi ni wo mushinge uzoshikana Uburundi kw’iterambere rirama. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, yabishikirije kuri uyu wa gatanu buca hahimbazwa imyaka 31 hemejwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Intwaro ibereye n’ubutungane kuri bose bigaherekeza uko gusenyera ku mugozi umwe.