Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/02/2023

Publié le 4 février 2023 par Rédaction
I. Hari inama iriko irabera i Bujumbura y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Ruhuhuma. Iyo nama yatumweko ubutarariye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, akaba ari n’umukuru w’umuryango w’akarere ka EAC. Amakuru yo kwizera amenyesha ko abo bakuru b’ibihugu bariko barabira hamwe ikibazo c’umutekano mu karere k’ubuseruko bwa Congo iharanira demokarasi, bongere bafate ingingo zibereye zotuma amahoro agaruka. Iyo nama y’abakuru b’ibihugu igira 20, ikaba yitabwe n’abakuru b’ibihugu bose havuyemwo uwa Sudani y’Epfo yarungitse umushikiranganji w’Imigenderanire no kwinjira kwa Sudani mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Iyo nama kandi ikaba ibaye mu gihe hari icuka kibi hagati ya Congo n’Urwanda mu vya politike n’umutekano. Ni mu gihe kandi hasubiye kwaduka intambara hagati y’abarwanyi ba M23 n’igisirikare ca Congo.
II. Ikigo BBN gishinzwe kurabako ibidandazwa bikwije ivyangombwa kugira bije kw’isoko, ngo kigiye gushiraho amategeko ajanye no gutanga igitoro kitagira utunenge ku ma stasiyo. Ivyo bivugwa n’uwurongoye ico kigo Severin Sindayikengera. Asigura ko bimaze kwibonekeza ko ku ma stasiyo amwe amwe, bakoresha ama pompe ashaje yataye igihe, ugasanga n’igitoro batanga si ciza. Asaba bene ayo ma stasiyo kurondera ama pompe ajanye n’ibihe turimwo, Atari uko naho ibihano ruhasha ngo birategekanijwe ku wutazokwubahiza ayo mategeko mashasha. Severin Sindayikengera yabivugiye kuri uno wa gatandatu kuri radiyo Isanganiro.
III. Abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba baridogera ama sentare yo muri iyo ntara ko atabatunganiriza kubera abacamanza bazingamitswe n’ibiturire. Iyo myidogo bayishikirije kuri uyu wa gatanu, mu nama bagirishijwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca. Uyo mushikiranganji akaba yaragabishije abarya ibiturire ko buca birukanwa.
IV. Ubwoba buratekeye impunzi zo mw’ikambi ya Lusenda muri republika iharanira demokarasi ya Congo. Aho n’inyuma y’aho muri iyo kambi havugiye amasasu menshi mw’ijoro ryo ku wa gatanu. Inkuru zivayo zivuga ko hari isaha indwi z’ijoro aho ayo masasu yavuga. Abo barashe bakaba baciye banyuruza umukenyezi. Izo nkuru nyene zivuga ko asanzwe ari umudandaza mw’isoko ry’iyo kambi. Bakamenyesha ko igipolisi cahavuye kihagera, mu nyuma ngo baja kurondera aho bacishije uwo mukenyezi. Ariko kugeza ubu akaba ataraboneka, n’abo bagizi ba nabi bakaba bataramenyekana.
V. Ikiganiro Kw’Isôko c’uno musi kiza guhagarara ku munsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi, uhimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma uko umwaka utashe.

Ibindi bisa n'ibi