Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/03/2021

Publié le 4 mars 2021 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu ku mutumba wa Mukoni, muri komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga. Uwo akaba agira kabiri mu kiringo c’imisi ibiri muri iyo ntara nyene, kuko hari umukenyezi yishwe ku musi wa kabiri w’ino ndwi ku mutumba Kavumu muri komine ya Butihinda, uwo mukenyezi akaba yishwe yagirizwa kwiba amavoka.
II. Jean Damascène Nguvumari n’umunyagihugu w’umurundi   yaramaze imyaka itatu ari mu gihugu ca Afrika y’epfo, akaba yatahutse mu gihugu kw’igenekerezo rya 02 ruhuhuma 2021. Nk’uko amakuru dukura mu muryango wiwe abivuga, uwo munyagihugu akaba yahavuye ahagarikwa ku munsi wa kane w’indwi iheze ku mvo zitaramenyekana. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE n’isekeza Ndondeza, ngo n’akamaramaza kubona umuntu yipfuje gutahuka mu gihugu ciwe, bisigaye vyahindutse icaha.
III. Mu gihe hamaze iminsi havugwa intambara hagati y’igisirikare c’Uburundi n’interahamwe mu ntara ya Cibitoke no mu duce tumwe tumwe two mu Kibira, umuhinga yanonosoye ivya politike Gerard Birantamije avuga ko hamwe mu Burundi hoba ikirindiro c’iyo migwi y’interahamwe, Uburundi bwoba buriko bugwa mu mutego butovamwo. Akabona nyabuna ko kimwe mu vyokorwa ari ugufatanya n’akarere bagatuza iyo migwi y’abicanyi.
IV. Abantu 2 nibo barwaye ikiza ca corona mu bitaro vya Rwibaga, komine Mugongomanga, intara ya Bujumbura. Abasanzwe bitura ivyo bitaro bafise amakenga ko bashobora kwandura ico kiza, kuko uburyo bwo kucikingira budakwiye. Bagasaba ko hokorwa igishoboka cose kugira  ico kiza nticandukire abandi.
V. Amafaranga ibihumbi cumi, niyo asabwa abanyeshure bize kw’ishure shingiro ryo ku Mutakura, kugira ngo baronke dosiye zabo. Amafaranga atozwa n’uwukurikirana indero y’abanyeshure, bita “encadreuse” mu rurimi rw’igifaransa, ashigikiwe n’umuyobozi w’iryo shure. Abo banyeshure bagasaba umushikiranganji ajejwe indero, kubakemurira ico kibazo.
VI. Ibarabara riva mu Kayanza rija ku mupaka wa Kanyaru ntirikirengana kuva kuri uyu wa gatatu, kubera ikiraro gishaka gutembagarira mu mwonga. Gutwara ibintu n’abantu bikaba vyabaye ikibazo. Abaca muri iryo barabara bakaba babanza guca kure kugira bashike mu Kayanza bavuye ku mupaka, canke abava ku mupaka baja mu Kayanza. Abanyagihugu bafata iryo barabara basaba abategetsi gukora ico kiraro mu maguru masha.

Ibindi bisa n'ibi