Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/03/2022

Publié le 4 mars 2022 par Rédaction
I. Abadandaza bo mw’isoko ryo ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba bazindutse bahagarika ibikorwa vyabo kuva mu gitondo co kuri uyu wa kane. Abo badandaza biyamiriza amatagisi yo ku mwaka bongeweko batahora batanga. Bagiriza musitanteri w’iyo komine gufata ingingo ata we agishije inama. Basaba ubushikiranganji bubijejwe hamwe n’ubw’intwaro yo hagati, gushinga ama tagisi angana mu gihugu cose.
II. Imyidogo nayo ni myishi mu basirikare b’ababarundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, ko ababatwara mu gufata ingingo bahana bamwe abandi bakabareka. Abo basirikare batanga akarorero k’abasirikare bagiye kwirukanwa mu butumwa barimwo, kandi ivyaha bagirizwa babikoze bariko bakurikiza amategeko y’ababarongoye, abo nabo ntibaheze ngo bakomakomwe. Basaba umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare gutekeka abarongoye contingent bakubahiriza bose ata mwana n’ikinono.

III. Umuyobozi ajewe ivy’intwaro n’ubutunzi kw’ishure kaminuza y’ibiyaga vy’uburaruko mu ntara ya Kirundo, aradomwako urutoke n’abanyeshure bo muri iyo kaminuza ko yibira ibibazo abo mu muryango wiwe uhereye ku mugore wiwe, n’abategetsi bo mu mugambwe CNDD-FDD bahiga. Abanyeshure basaba ko haba amatohoza kuri ubwo busuma bw’ibibazo bwigaragaje, hararenze umwaka, kugira uwagiwe n’icaha ahanwe.

IV. Kuri uno wa gatanu ni ho ikiziga ca Jean-Bosco Barankunda cashikanwa mw’ikambi ya Nduta, aho iyo mpunzi y’umurundi yahavuye ifubwa inyuma y’imisi itatu yishwe. Iyo mpunzi ikaba yahitanywe n’amahiri yakubiswe na bamwe mu bapolisi bo mu karere ka Mwanza mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru ahejeje kudushikira avuga ko bahejeje gushingura uyo muhisi, igipolisi ca Tanzaniya caciye gitwara ahantu hatazwi umupfasoni w’umuhisi hamwe n’abana biwe.

V. Kuri uyu wa gatanu ni ho abategetsi bakuru bakuru bo muri leta n’abandi bakozi ba leta bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, batangura umwiherero uzomara imisi ibiri. Uwo mwiherero uriko ubera mu ntara ya Gitega ukaba watunganijwe n’umukuru w’igihugu, ukaba watangujwe abamenyeshamakuru bataramuwe.

Ibindi bisa n'ibi