Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/04/2023

Publié le 4 avril 2023 par Rédaction
I. Igihugu ca Guinée carakiriye kuri uyu wa gatatu ingabirano rya toni 25 z’umuceri zatanzwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Imfashanyo ngo ije gufata mu mugongo ishirahamwe ry’umutambukanyi w’umukuru w’ico gihugu. Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vyo kumenyesha amakuru y’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Guinée.
II. Iryo tangwa ry’umuceri ririyamirizwa n’abanyagihugu. Bamwe mu bavuganye na Radiyo Inzamba, bavuga ko bitumvikana ingene ushobora gutangwa kandi abarundi bugarijwe na kigoyi.
III. Abarongoye igihugu bakwiye kwubaha amatungo y’igihugu, kuko atari ayabo bwite, ahubwo ko ari ay’abanyagihugu. Ivyo bishikirizwa na Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Ku bwiwe, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi nta bubasha afise bwo gusohokana umuceri wagenewe abanyagihugu b’abarundi, na rirya bugarijwe n’inzara izura inzara. Arongera akagereranya iyo nyifato nka wa muvyeyi yiyorobeka akaja gufasha abo hanze, asize mu rugo iwe bariko bicwa na kigoyi.
IV. Amabi y’ubwoko butandukanye ni yo aranga ubutegetsi bw’Uburundi. Amwe muri ayo mabi akaba yarashikirijwe abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe agateka ka zina muntu. Ni mu gihe hakoranye inama kuva ku wa mbere uheze igenekerezo rya 03 Ndamukiza 2023 i Geneve. Anitha Gateretse akaba ari muri iyo nama aserukiye ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, avuga ko mu vyo yashikirije yahagaze aha nini ku bijanye n’amabi afatiye ku gitsina hamwe n’ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo, aho ivyo bitigiri vyarenze ibitegekanijwe kugera ku bice 765 %. Anitha Gateretse avuga ko ico bizofasha, ari uko igisata ca ONU gifatira kuri ivyo bahabwa n’amashirahamwe y’agateka ka zina muntu, mu gusaba leta ko yubahiriza ako gateka.
V. Umuntu umwe yiritavye Imana mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere abandi 10 barakomereka mw’isanganya ryabereye mu gace bita Karunga ku mutumba Rubindi muri komine Nyanza-lac, intara ya Makamba. Ububi bw’ibarabara bwoba buri hejuru y’iryo sanganya nk’ukwo bivugwa n’abajejwe intwaro n’igipolisi.
VI. Amashirahamwe y’ingendo zo mu kirere ararekuriwe kugurisha amatike y’indege mu mafranga y’amanyamahanga. Iyo ngingo yashizwe ahabona mu rwandiko banki nkuru y’igihugu BRB yasohoye ku musi wa gatanu itariki 31 Ntwarante. Kuva mu ntango z’umwaka wa 2020, ayo mashirahamwe yari yategetswe n’iyo banki nkuru nyene kugurisha ayo matike n’ibindi mu mafranga y’amarundi.

Ibindi bisa n'ibi