Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/05/2021

Publié le 4 mai 2021 par Rédaction
I. Inyuma hafi y’umwaka habaye amatora y’umukuru w’igihugu mu Burundi, ikinyamakuru La libre Afrique cemeza ko habaye ubusuma butagira izina ari nabwo bwashikanye General Evariste Ndayishimiye ku butegetsi. Ico kinyamakuru kikaba cavyanditse kibihawe n’abashakashatsi b’abarundi bakoze amatohoza ariko badashobora kwiyerekana kumvo z’umutekano wabo. Kubw’ico kinyamakuru, abo bashakashatsi bazoshira ku mugaragaro ivyavuye mu cigwa cabo, igihe mu Burundi abantu bazoba basubiye kwishira no kwizana.
II. Abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi biga mu mwaka wa mbere baridoga ko inyuma yo kuronswa agafashanyo batevye, bageze aho bagatora ku ma konte yabo bategekwa gusigako amafaranga ibihumbi bitanu. Ayo mafaranga babajije uwatanze iryo tegeko basanze ari umunyeshure ari mu baserukira abandi ajejwe ikibazo c’ako gafashanyo. Basaba ubuyobozi bwa kaminuza kubatunganiriza.
III. Hari umupolisi agomba akwize ikiringo c’indwi apfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu ntara ya Rutana. Yagirizwa kuba yatorokesheje umunyagihugu yarapfungiwe mu nzu y’uwutwara iperereza muri iyo ntara. Uwo munyagihugu nawe yarasinzikarijwe ubuzima n’uwo atwara iperereza mu ntara ya Rutana, amwagiriza ko yinjiza abagwanyi mu migwi ihungabanya umutekano mu gihugu.
IV. Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi  MIJB uranegura ukugene urwaruka rw’imbonerakure rwigishwa kwica n’abari bakwiye kubigisha kugira ubuntu. Ivyo bishibikirizwa na Carène Kelly Inarukundo arongoye uwo muhari. Agasaba urwo rwaruka rw’imbonerakure kugira uruhara mu guteza imbere igihugu, na cane cane aho basanzwe baba, aho kwama bahendeshwa amafaranga mu gukora amabi. Urwo rwaruka rw’abarundi ruhurikiye muri MIJB rubishikirije mu gihe mu mpera z’indwi iheze urwaruka rw’imbonerakure rwarungitswe hakurya mu gihugu ca Congo gufasha kurwanya aba rebeli barwanya leta y’Uburundi.
V. Umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya ikiza ca Covid-19 uvuga ko uriko urabandanya igikorwa cawo co gutuza iyo ndwara mu Burundi. Uwo mugwi ngo ugiye gushira ikigo co kwipimishirizamwo uwo mugera mu Gatumba, ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu kibanyi ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Uwo mugwi ugasigura ko ivyo bizotuma ingene abantu bahora bandura bivuye ku ruja n’uruza rw ‘abantu muri ico gice bigabanuka. Eka kandi ngo bizotuma n’umupaka ushobora kwugururwa,  urudandazwa hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri rugasubira kuba ukuri kwamye. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa mbere na Thaddée Ndikumana umushikiranganji w’amagara y’abantu akongera akaba icegera c’umukuru w’uwo mugwi, mu gihe abagize uwo mugwi bari bahejeje gusuzumira hamwe aho bagejeje igikorwa cabo. Uwo mugwi warananeguye ingene abantu bitwa ngo barize, abakozi ba leta n’abifise, bataja kwipimisha  umugera wa Covid-19 kandi aribo bari gutanga akarorero ku bandi banyagihugu.
VI. Abanyagihu bafise amatongo n’amaparasera muri zone Maramya kw’ibarabara rya 15 ni muri Komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, baratakambira umukuru w’igihugu ko bariko baranyagwa izuba riva. Ni mu gihe hari umugwi w’abantu bihaye ububasha bwo kwubaka batabizi, yaba buramatari canke musitanteri akaba ataco bariko barabafasha ngo boye kunyagwa.
VII. Imigwi n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bigiye kuzohomba amafaranga, intsinzi zigorane, n’abakunzi b’umupira bahahombere biturutse ko ata rukino mpuzamakungu ruzosubira gukinirwa mu Burundi. Ni inyuma yaho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF rimenyeshereje ko mu Burundi ata kibuga c’umupira w’amaguru gihari, gifise ubushobozi bwo kwakira inkino mpuzamakungu.

Ibindi bisa n'ibi