I. Umunezero ni wose kuri bamwe bo mu mpunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Mulongwe. Abagera kw’ijana bafise utwo bodandaza bakaba baherutse kuronswa imfashanyo y’ibidandazwa, ifise agaciro k’amadolari ijana. Ariko bakavuga ko iyo mfashanyo yahawe abantu bake cane.
II. Abantu mirongo ibiri n’umwe 21 baragandaguwe, babiri 2 baranyuruzwa baburwa irengero, mirongo ibiri na batatu 23 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, batanu na bo basinzikarizwa ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi co mu kwezi kwa kane uno mwaka. Augustin Nimubona ajejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe, asaba leta guhana abagirizwa ayo mabi no gutunganiriza bose, bataravye umugambwe bakomokako.
III. Abasirikare b’Uburundi 10 ni bo basize ubuzima mu gitero c’aba Al Shabab ku kirindiro cahitwa Cell Baraf mu ntara ya Moyen Shabelle, kuri uyu wa kabiri uheze. Abagera kuri batanu barabuzwe irengero, na yo 25 barakomeretse. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi kuri uyu wa gatatu. Amakuru ava mu basirikare bari mu gihugu ca Somaliya avuga ariko ko ibitigiri vy’abahasize ubuzima n’ababuzwe irengero vyoba birenga kure ivyashikirijwe n’ibiro bikuru vy’intwaramiheto.
IV. Ibiciro vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura vyahora ku mahera 450 vyadugijwe, aho mu gisagara bigiye ku mafranga 550 y’amarundi. Kuva mu gisagara na ho uja ku nkengera zaco, itike yagiye ku mafranga ari hagati ya 600 n’igihumbi. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru catanzwe n’umushikiranganji w’ubudandanji no gutwara abantu. Marie-Chantal Nijimbere aramenyesha kandi n’ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza uja mu gihugu hagati, aho biri hagati y’amafranga 2500 na 16000 vy’amarundi.
V. Abanywanyi 2 b’umugambwe CNL bari mu gasho k’igipolisi ca komine Kayogoro mu ntara ya Makamba kuva mu gitondo ko kuri uyu wa kabiri. Amakuru ava ku mutumba wa Nyantakara wa zone Gatwe aho bafatiwe, avuga ko bahagaritswe bari bagiye kwitura igipolisi inyuma y’ihohoterwa bakorewe na bamwe mu mugwi w’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD zibasahura amafranga arenga ibihumbi 300.
VI. Abarundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi y’i Kakuma mu gihugu ca Kenya bavuga ko bagiye kwicwa na kigoyi. Igituma ngo n’ukwo ibifungurwa bahora baronka vyagabanijwe incuro zitatu kuva mu ntango z’uno mwaka. Ngo hageze ko baja gutora utwo dufungurwa, bipakiza ku mapikipiki kuko babitora kure, bakavuga ko n’itike yo kwiyunguruza yaduze cane.