I. Abashingamateka b’akarere ka Afrika y’ubuseruko baremeje kuri uno wa kabiri i Nairobi muri Kenya, ingingo yirukana Uburundi na Sudani yo mu bumanuko mur’iryo shirahamwe, kubera bitagitanga intererano uko bitegekanijwe n’amategeko. Uburundi bwo nyene bufise ibirarane vy’imyaka ibiri bingana n’imiliyoni 15 z’ama dorari y’amanyamerika. Imwe mu ngaruka mbi, akaba ari uko abashingamateka b’iryo shirahamwe bamaze amezi atatu badahembwa umushahara ukwiye.
II. Igipolisi c’Urwanda camenyesheje ko caraye kirashe abarundi babiri b’impuzi zo mw’ikambi y’i Mahama. Uwurongoye iyo kambi amenyesha ko abo bantu barashwe mu gihe ca saa kumi y’ijoro n’abapolisi bacungereye iyo kambi. Amenyesha ko hari abo arongoye aho mu mpunzi, bakunze kuja muri Tanzaniya kandi kizira ko impunzi ijabuka Akagera kagabura iyo kambi n’igihugu ca Tanzaniya, na cane cane muri kino gihe havurwa ikiza ca corona. Uwo arongoye iyo kambi yatumenyesheje ko hari impunzi zirenga ku mategeko zikajabuka urwo ruzi bagiye guhiga impuzu za caguwa, mbere abandi bakaja no kuronderayo ibiyovyabwenge. Asaba ashimitse izo mpunzi kwubahiriza amategeko zihabwa n’abajejwe umutekano, bakirinda kuja muri urwo ruzi rumaze gutwara impunzi zirenga cumi nkuko bimenyeshwa n’uwo arongoye impunzi z’abarundi ziba I Mahama, ahabarizwa abarundi barenga ibihumbi 50.
III. Hari ikiziga catowe kuri uyu wa gatanu ku mugoroba mu kiyaga Tanganyika ahaherereye muri zone Mukungu, komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Cari ic’umugabo aboheye amaboko i mugongo, ariko ntawashoboye kumumenya nkuko abamubonye babivuga.
IV. Abantu barenga 10 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, abandi baranyuruzwa nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT Burundi, cashizwe ahabona kuri uyu wa gatandatu. Abagirizwa ayo mabi yose bakaba ari imbonerakure, bamwe mu bapolisi n’abakozi b’iperereza bafadikanije n’abajejwe intwaro bo ku rwego rwo hasi. Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT Burundi.
V. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga, bivuye kubw’uko imodoka y’igipolisi bita kizimyamoto ifasha mu bijanye no kuzimya imiriro, ikoreshwa igikorwa co kuvoma amazi y’amahoteri n’amashirahamwe y’abikorera utwabo. Bamwe mu banyagihugu baganiriye na radio inzamba bakadomako urutoke abarongoye igipolisi muri iyo ntara, kuba babifisemwo uruhara.
VI. Mu kigabane Kw’Isôko co kuri uno wa gatandatu, mutegurirwa n’urunani rw’ama Radio, turababwira ingene abarundi n’abanyarwanda batunganiriza hamwe ibikorwa vy’iterambere, hafi y’ikambi y’impunzi y’i Mahama.