Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/07/2022

Publié le 4 juillet 2022 par Rédaction
I. Abantu babiri baraye bishwe barashwe amasasu, n’akagwi k’abantu bitwaje inkoho, uwundi umwe arakomereka. Ubwo bwicanyi bwakozwe isaha zitanu z’ijoro ryakeye, ku mutumba wa Kiramira muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Mu ntwaro bavuga ko amatohoza yatanguye ku bakoze ubwo bubisha.
II. Abantu 1427 barishwe, aho muri bo ibiziga 241 vyatowe mu ntara ya Cibitoke, 1362 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, abanda 116 baranyuruzwa. Ayo n’amwe mu mabi yatohojwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka muri iyi myaka ibiri iheze Evariste Ndayishimiye ari ku butegetsi. Abakora ayo mabi na bo ngo akaba cane cane ari bamwe mu bakozi ba leta. Ishirahamwe Ligue Iteka rivuga ko rihagaritswe umutima n’ivyo biharuro rivuga ko bishobora kuba bisumbaho. Anschaire Nikoyagize arongoye iryo shirahamwe.
III. Anschaire Nikoyagize agatera akamo leta kurwanya yivuye inyuma ukudahana ivyaha, ikumirwa n’itotezwa rikorerwa abatavuga rumwe na leta, hamwe rero no gutorera inyishu ikibazo c’impunzi.
IV. Ukutihanganirana mu budasa bw’ivyiyumviro vya politike birabandanya kwibonekeza mu gihugu aho kuri uyu w’Imana uheze, abanywanyi b’umugambwe CNL mu ma komine ya Buraza mu ntara ya Gitega hamwe na Butihinda mu ntara ya Muyinga baburabujwe mu bikorwa barimwo aho muri komine Buraza, bamwe mu banywanyi b’umugambwe bakubiswe mu gihe bari mu nama. Aha nini ivyo vyakozwe n’abajejwe intwaro bari kumwe n’imbonerakure. Abanywanyi b’umugambwe CNL basaba umushikiranganji w’intwaro mu gihugu kwubahiriza ibikorwa vy’umugambwe wabo.
V. Amakenga ni menshi ku mpunzi zo mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya biturutse ku bantu bavyimba iyo bahejeje guterwa urucanco rwa Covid-19. Ni mu gihe ico gikorwa co gucandaga izo mpunzi kimaze indwi zibiri gitanguye. Bagakeka ko aboba bariko bakora ico gikorwa ata bumenyi bafise mu bijanye no kuvura, bikazotuma abitabira ico gikorwa baba bake.
VI. Imyidogo ni myinshi ku baguzi b’amavuta yo mu bwoko bw’amamesa bo muri zone Muyange, komine Nyanza-Lac iri mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe hibonekeza iduzwa ry’ibiciro vy’ayo mavuta. Abayadandaza bakavuga ko atakiboneka. Abo baguzi bagasaba leta gukurikiranira hafi ibijanye n’ibiciro vy’amamesa vyabaye ndanse.
VII. Abarongoye intwaro mu ntara ya Muyinga baridogera abadandaza be n’abarimyi begereye imbibe iyo ntara ihana n’igihugu ca Tanzaniya, ko bariko bashorera mu mpisho umwimbu w’ibiharage muri ico gihugu, nk’ukwo amakuru atangwa n’abarongoye intwaro avyemeza. Buramatari w’intara ya Muyinga, Jean Claude Barutwanayo, agasaba abanyagihugu kubungabunga umwimbu baronse ngo bavavanure n’akageso ko kwisahura, ahubwo ngo baziganirize kazoza mu kubungabunga umwimbu w’ibiharage, kugira ngo mu nyuma ntibaze baterwe n’inzara. Ibiharage bingana n’amatoni 3 bikaba ari vyo bimaze gufatwa mu kiringo c’inyuma y’iyimbura ry’impeshi y’uno mwaka.

Ibindi bisa n'ibi