I. Leta y’Urwanda ibicishije mu bushikiranganji buraba igisata c’impunzi, yaraye isohoye itangazo, aho ico gihugu kimenyesha ko citeguye gufasha mw’itahukanwa ry’impunzi kuri abo bose bavyifuza. Aha rero Urwanda ngo ruzokorana n’ishirahamwe riraba impunzi HCR be n’igihugu biraba, kugira ngo impunzi zivyipfuza zitahukanwe mu buntu, hanisunzwe amategeko araba ivy’impunzi, yaba ay’igihugu na mpuzamakungu. Iryo tangazo rikaba ryasohowe inyuma y’aho hari umurwi w’impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Mahama zandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ko zipfuza gutahuka.
II. Abantu 13 baragandaguwe mu ndwi iheze, 10 muri bo batorwa ibiziga. Biri mu cegeranyo ca Ligue Iteka gisohoka buri ndwi, Ligue Iteka kikagiriza aba polisi, abajejwe intwaro hamwe n’imbonerakure. Ibiri mur’ico cegeranyo tubibaze Audace Nimbona.
III. Abasirikare baherutse kugomborwa bava mu gihugu ca Centrafrique mu rwego rwa ONU Minusca, bavuga ko aho bari ku Mudubugu hari bamwe muri bo batowe umugera w’ikiza COVID19. Bamwe mu basirikare bakavugako bishobora gufata benshi, n’aho iyo kambi yo ku Mudubugu iherereye, kuko hari amazu y’uburiro kandi mu gice gisanzwe gikenye amazi meza.
IV. Mu gihe hari abasirikare batahukanwa bavuye mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bindi bihugu, ariko ntibaronswe agahembo kabo, ngo nuko leta y’Uburundi ica iba irayikozeko kuko aba ari amahera y’agaciro. Bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME. Ni mu gihe hari abasirikare baherutse kuva muri Centrafrique, ubu basaba ko bohembwa ibirarane vyabo vy’amezi indwi, kandi bari bakeneye kwikenura. Gabriel Rufyiri
V. Hari abarimu bazindutse bugariza ahari icicaro c’ikigega kijejwe uburaro bw’abarimu I Bujumbura. Abo barimu baturutse mu ntara zitandukanye z’igihugu, bavugako basanzwe batanga intererano muri ico kigega, bamwe basavye guhagarika amasezerano n’ico kigega amaso ahera mu nzira, abandi nabo baguma bakatwa amafaranga ku mishahara yabo kandi amasezerano n’ico kigega basanzwe batanga intererano. Intandaro y’icuka kibi mu banywanyi b’ico kigega ngo n’iduzwa ry’amafaranga y’intererano. Umwe muri abo barimu arabitwiganira.
VI. ruhande rw’abarongoye ico kigega c’uburaro bw’abarimu, bavuga y’uko kuduza amafaranga vyavuye ku banywanyi, kandi yadugijwe bivuye mu nama ya bose.
VII. Mw’isekeza ririko rirakorwa n’ishiramwe rukristu ryiyemeje kurwanya ihohoterwa rya Kiremwa muntu ACAT-Burundi, uno munsi iryo shirahamwe rishira ahabona ibitigiri vy’umurengera biri mu mabohero atandukanye. Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.