Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/08/2021

Publié le 4 août 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri bo muri komine Gitobe mu ntara ya Kirundo barafunzwe kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Ernest Mbazumutima arongoye umugambwe CNL muri komine Gitobe, na Ndungutse Nepomuscène arongoye umugambwe CNL ku mutumba wa Gahosha muri iyo komine nyene, bakaba bapfungiwe mu busho bw’intara na komine. Abanywanyi ba CNL bakabona ko ari agatotezo gakorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL.
II. Mu gihe rero abanywanyi b’umugambwe CNL babandanya gutotezwa mu gihugu, Ferederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR rw’abaharanira amasezerano ya Arusha, asigura ko iyo ari ingendo y’ubutegetsi bwa CNDD-FDD inyuma yaho uyo mugambwe urongowe na Agathon Rwasa werekanye inguvu zawo mu matora yo mu 2020, ariko ntubandanye uharanira itsinzi yawo.
III. Hari umusore yitwa Sophonie Niyomwungere yafashwe kuri uyu wa kabiri uheze ku mutaga, muri zone Musaga ya komine Muha. Yafashwe n’uwurongoye iperereza ku Musaga hamwe n’umupolisi, bita de corps, wo ku Musaga. Amakenga n’ubwoba ku mutekano w’uwafashwe ni yose mu begereye umuryango wiwe, kuko batigeze bamenyeshwa iyo yajanywe canke aho yoba apfungiwe.
IV. Abandi bantu batatu bashasha barapfungiwe muri komisariya y’inyamiramabi muri komine Mugamba intara ya Bururi, kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Amakuru ava aho muri komine Mugamba avuga ko ari abakenyezi bakekwa kuba baragize uruhara mw’igandagurwa ry’umukenyezi n’umwana wiwe ku mutumba Mugendo-Ndengo muri iyo komine nyene ya Mugamba.
V. Ubuzima bwa Zénon Kabura akekwa ko ari we yateye grenade umukuru  wa zone Mpinga  Eric Niyondavyi, muri komine Vugizo mu ntara ya Makamba, burabangamiwe. Amakuru dukura mu begereye mu muryango wiwe bamenyesha ko aguma ariko  amapingu.
VI. Amatohoza yigenga ni yo akwiye gukorwa ku bashatse kugandagura Petero Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka k’abanyororo APRODH. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu CBDDH, inyuma y’imyaka itandatu ahatswe kugandagurwa. Vital Nshimirimana arongoye urwo runani, asaba umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye gufata iyo dosiye mu minwe.
VII. Imyidogo ni myinshi ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, aho kuva kuri uyu wa kabiri, baronse itangazo ribabuza gusubira gufyatura amatafari bahora basanuza amazu yabo. Izo mpunzi zikabonako iryo tangazo riri muri rwa rukurikirane rwo gushaka gutahukanwa ku nguvu mu gihugu c’Uburundi.
VIII. Abakozi bakora imirimo mitomito kuri ETS Kiremba yo muri komine n’intara ya Bururi, baridogera ubuyobozi bw’iryo shure ko bubahemba intica ntikize. Bavuga ko bituye ubuyobozi bw’iryo shure kugira ngo babadugirize  agashahara ariko vyabaye impfagusa. Basaba ubuyobozi bw’iryo shure gufata ibintu mu minwe.
IX. Ubugenduzi bukuru bw’akazi bwategetse ko habanza kumenyekana uwakwiragije ku mbuga ngurukanabumenyi umutahe uhamagaza ubuyobozi bukuru bwa ONATEL, kugira bikunde ubwo buyobozi bukuru bw’akazi bubumvirize ku ngorane bafise. Abakozi ba ONATEL bakaba babona ko uko ari ugusaba amananiza mu kudashaka gutorera umuti ingorane bafise.

Ibindi bisa n'ibi