I. Hari umwana ariko araturatuzwa muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura n’umuvyeyi wiwe azwi kw’izina rya Niyongabo Christian, umusirikare akora mu biro bikuru vy’intwaramiheto. Uyo mwana akaba azirako yagize uruhara mu kwiyamiriza ko umuvyeyi wiwe azana umugore wa kabiri, kandi uwa mbere batarahukana.
II. Ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi, ACAT-Burundi, ririyamiriza ryivuye inyuma amabi ariko akorerwa abarundikazi bagenda kurondera akazi muri Arabie Saoudite, babifashijwe na leta y’Uburundi. Ni mu gihe abo barundikazi badasiba gusemerera ko bafatwa nabi, mu kutaronswa ibibabeshaho mu kurindira ko batangura akazi, eka n’abakaronse ntibafatwe neza. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa muri ACAT-Burundi asaba leta gufata ico kibazo mu minwe, ukwo irungitse abo barundikazi ikabakurikirana ukwo babayeho ku musi, hisunzwe agateka kabo.
III. Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ufise uruhara runini mu kwigisha abanywanyi bawo bagizwe aha nini n’abategetsi n’abajejwe intwaro. Niko bibonwa n’uwurongoye ishirahamwe PARCEM, rikangurira abarundi guhindura ingendo ngo bashike kw’iterambere rirama. Aho ni inyuma y’imyidogo y’umukuru w’igihugu yagiriza bamwe mu ndongozi, kuba bakoresheje nabi ibibanza baronse mu masoko ya leta. Ku bwa Faustin Ndikumana, abo bategetsi n’abajejwe intwaro ngo bishimikiza ibibanza bashizwemwo n’umugambwe, bagaca bibaza ko borenga ku mategeko ukwo bishakiye. Ni inyifato itegerezwa guhindurwa kubwa Faustin Ndikumana, hamwe Uburundi bwoba bwipfuza iterambere.
IV. Imyidogo ni myinshi ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe, ubu basigaye batangishwa amahera mu kuvoma amazi. Amakuru dukura muri iyo kambi amenyesha ko ata nama bigeze bagirishwa, kugira ngo babimenye. Uwugiye kuvoma agasabwa amafranga angana n’amashiringi igihumbi uko agiye kuvoma, bagaheza bakamwandika mw’ikaye. Abo barundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu basaba ishirahamwe rijejwe gutanga amazi ku mpunzi kubagarukirako, kuko basanzwe batagira icepfo na ruguru, kandi ata mafranga boronka yo kugura ayo mazi.
V. Uyu munsi niho hahimbajwe umunsi mukuru wahariwe ama komine mu Burundi. Uwo munsi ukaba ugeze mu gihe hari imigambi myinshi yahawe ama komine, ariko ata kamaro yigeze izanira abanyagihugu. Ivyo vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Aha Gabriel Rufyiri akadoma urutoke ku mugambi PDRE wahawe hafi imiriaridi 50. Agasaba leta gukurikiranira hafi ibijanye n’uwo mugambi.
VI. Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ntibabona neza ihimbazwa ry’umunsi mukuru wo gufatana mu nda, wahimbajwe ku mitumba yose igize igihugu kuri uno wa gatanu. Bakavuga ko bigoye gushigikirana mu gihe bari mu buzima buzimvye, kandi benshi batakirabana nka kera. Abo banyagisagara basaba ahubwo abafise amikoro na cane cane abari mu nzego, gufasha ba ntaho nikora biboneka kuri uyo munsi, aho gutoza intererano mu banyagihugu ku nguvu.