Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/09/2023

Publié le 4 septembre 2023 par Rédaction
I. Abapolisi babiri barimwo uwutwara komisariya y’intara ya Rutana bapfungiwe mw’ibohero rya Mpimba, mu gisagara ca Bujumbura, kuva ku musi wa gatanu w’indwi iheze. Bagirizwa kuba barasahuye umunyagihugu aturuka muri komine ya Kayogoro, iri mu ntara ya Makamba, bamwiba amafranga ashika ibihumbi cumi vy’amadolari y’amanyamerika.
II. Abantu batanu, barimwo abajejwe intwaro muri komine n’intara ya Rumonge, barapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Rumonge kuva mu mpera y’iyi ndwi iheze. Bose bagirizwa kugira uruhara mw’inyuruzwa ry’isukari yatanzwe muri iyo ntara mu kwezi guheze kw’umunani. Amakuru ava ngaho mu Rumonge akavuga ko hambavu y’abo bafashwe, hoba harimwo na bamwe mu bategetsi bakuru bafise uruhara mw’inyuruzwa ry’isukari.
III. Bamwe mu bakozi bakukira ubushikiranganji bw’indero harwiriyemwo abarimu, bamaze amezi ane bataronswa umushahara wabo. Ubushikiranganji bw’abakozi ba leta bubagiriza kuba butabona ico abo bakozi bakora, mu gihe batigeze basiba gutonda ku mirimo yabo. Basaba ubushikiranganji bw’abakozi ba leta guhagurukira ico kibazo kigatorerwa umuti, imbere y’uko umwaka w’ishure mushasha utangura.
IV. N’umunezero mu bavyeyi n’urwaruka b’impunzi z’abarundi bahungiye i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 4 ukwezi kw’icenda, abanyeshure bari bagiye mu buruhuko badakoze ibibazo biheza umwaka, babikoze. Abo banyeshure bo mu bigo bitandukanye bifashwe mu mugongo n’ishirahamwe Save The Children, bakaba batari babikoze kubera ukutumvikana kwari hagati y’iryo shirahamwe na Leta ku bijanye n’abofata mu mugongo ivyo bigo. Ivyo bibazo bikaba bikozwe inyuma y’indwi umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024 wuguruwe, muri ico gihugu ca Tanzaniya.
V. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaguru, ihiganwa ku rwego rw’igihugu rigeze ku ndwi igira 3. Turagaruka ku kungene inkino zagenze muri iyi ndwi twaraye turangije.

Ibindi bisa n'ibi