Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/10/2022

Publié le 4 octobre 2022 par Rédaction
I. Abantu barenga igihumbi n’amajana ane ni bo bamenyekanye ko bishwe mu myaka ibiri iheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Ivyo biri mu cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka. Anschaire Nikoyagize arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko abarenga ijana bishwe n’abari mu nzego za leta. Muri ico cegeranyo, iryo shirahamwe Iteka rirasaba yuko ubwo bwicanyi bwohagarara eka n’abapfungiwe imvo za politike bakarekurwa.
II. Urubanza rw’umushingwamanza Tony Germain Nkina yahoze aserukira ishirahamwe APRODH mu ntara ya Kayanza, ruzosubira kwumvirizwa kuri uyu wa gatanu muri sentare ntahinyuzwa. Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mw’ishirahamwe Human Rights Watch, akaba akurikirana umugabane wa Afrika, ahamagarira abategetsi mu butungane ivyo yise ihonyangwa ry’amategeko bakarekura Tony Germain Nkina. Clémentine de Montjoye yibutsa ko mu rubanza rwa nyuma, ata vyemeza na bimwe birashe vyigeze vyerekanwa mu ntahe. Mwokwibuka ko Tony Germain Nkina yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2020 muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza, aho yaragiye mu kazi kiwe ka minsi yose, kuraba uwo aburanira. Mu kwezi kwa gatandatu umwaka 2021, sentare isubiramwo imanza ya Kayanza ikaba yaciye imwagiriza gukorana n’imigwi igwana, icimucira urubanza rwo gupfungwa imyaka 5. Umunyororo ku bw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, bavuga ko ufitaniye isano n’ukuba yarakoze mw’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu n’ak’abapfungwa APRODH.
III. Hari umurundi yatowe mu bucagucagu bw’uwu wa kabiri mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta muri Tanzaniya atekeye mu mupfuko, akaba yarakiri muzima inyuma yo gukubagurwa n’ugukomeretswa n’abantu batamenyekanye. Amakuru ava muri iyo kambi ya Nduta, avuga ko uyo muntu yari yanyurujwe mw’ijoro ry’uwa mbere rishira uwa kabiri. Impunzi zo muri iyo kambi zivuga ko amabi nk’ayo atari ubwa mbere aba. Bakavuga ko intumbero ari iyo kubatera ubwoba kugira batahuke mu Burundi ku nguvu.
IV. Abarondera impapuro z’inzira bagiye koroherezwa kuronka izo mpapuro biciye ku buhinga bushasha bwa Internet. Vyashikirijwe kuri uno wa kabiri n’igipolisi kijejwe uruja n’uruza hanze y’igihugu PAFE, umuyobozi mukuru w’ico gipolisi ni we yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Général Major Maurice Mbonimpa avuga ko abarondera izo mpapuro z’inzira batosubira kujuragirika, bazokwitaba gusa ku masango bazoba bahawe biciye kuri ubwo buhinga nyene.
V. Isekeza ry’itangwa ry’imisegetera irimwo umuti wo kwikingira imibu itera malaria ryarahagaritswe, kuva kuri uyu wa mbere uheze. Imvo ngo yoba ari ubusuma buvugwa ko bwibonekeje muri ico gikorwa, ivyoba vyaratumye ikigega c’isi yose FMI gisanzwe gifasha muri ico gikorwa ciyonjora. Amakuru ava mubushikiranganji bw’amagara y’abantu, amenyesha ko muri kino gihe, bamwe mu bakozi bakuru mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bari muyabira.
VI. Imyidogo ni myinshi mu barimyi bo mu ntara ya Muyinga, barishe amahera yo kugura umwavu w’ikizungu FOMI, ariko ngo bakaba bararindiriye amaso agahera mu nzira. Iyo badacerewe kuronka iyo fumbire, ngo barayibura burundu, nk’uko vyagenze kw’irima riheruka. Ivyo bimenyeshwa na bamwe mu barimyi bakirindiye iyo fumbire, bagasaba umushikiranganji w’uburimyi kugira ico afashije kugira ngo umwavu uboneke ngo ntibasubire kumaramara nko kw’irima ry’impeshi riheze.

Ibindi bisa n'ibi