Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/11/2022

Publié le 4 novembre 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba ari we arongoye umuryango w’ibihugu vy’akarere k’ubuseruko, yakiriye kuri uyu wa gatanu i Bujumbura uwahoze arongoye igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta. Uyo nawe akaba umuhuza mu ngorane z’umutekano muke umaze igihe urangwa mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi. Tubibutse ko ku musi wa kabiri w’iyi ndwi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaganiriye kuri telephone na bagenziwe barongoye ibihugu vyo mu karere, kugira bigire hamwe icokorwa kugira umutekano ugaruke muri Congo. Bakaba bemeranije inama izoba vuba y’abarongoye abasirikare muri ivyo bihugu, izokurikirwa n’iy’abakuru b’ibihugu vyo mu karere.
II. Abasirikare rero b’Uburundi bari muri republika ya Congo iharanira demokrasi, mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, bariko barongerezwa. Bimwe mu bituma vyasiguriwe abasirikare bariko barungikwayo gusangayo abandi, ni uko umwansi bahanganye ngo basanze afise inguvu zikenera abasirikare benshi. Abo basirikare bakaba bongerejwe mu gihe igihugu ca Kenya na co kimaze imisi ibiri kirungitse abasirikare baco mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.
III. Umukuru w’igihugu aragabisha abagwizatunga yagiriza ko banyegeza amafranga y’agaciro mu bubiko bwabo, mu gihe baba bayahawe n’ibanki nkuru y’igihugu kugira bayakoreshe mu kwinjiza ibidandazwa mu gihugu. Evariste Ndayishimiye yabivuze mu nama yo guteza imbere igisata c’abikorera utwabo, hari kuri uno wa gatatu. Uwurongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo, abona ko mu banyegeza amafranga harimwo n’abategetsi ba leta baba bayaronse biciye mu busuma. Leta ngo ni yo ifise ugushaka guke kugira ituze ubwo bunyonyezi.
IV. Abarundi bagera kw’icumi bari barahungutse bavuye mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya barasubiriye guhunga. Kuri uno wa kane bakaba barafashwe n’igipolisi ca Tanzaniya ngaho i Nduta, aho bari baje gusaba ubuhungiro.
V. Inyuma y’ingingo iherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’indero, yo kutazosubira kurungikira ibibazo vyo mw’ishure abana b’impunzi bari mu makambi ya Tanzaniya, abatari bake babandanya kunegura iyo ngingo. Libérat Ntibashirakandi avugira umuhari MAP Burundi Buhire, asaba abategetsi b’Uburundi kudafata igisata c’indero ngo bakigire ica politike. Professeur Ntibashirakandi abona ko leta ishaka gutahana impunzi ku nguvu, kandi bihushanye n’amasezerano mpuzamakungu akingira impunzi.
VI. Uwahora aramutswa umugwi Les Crocos w’umupira w’amaguru userukira intara ya Rumonge yaratanze imihoho, kuva ku munsi wa mbere w’ino ndwi. Mu gihe avuga ko agomba gukurikirana ibijanye n’ urugo rwiwe, amakuru ava mu Rumonge avuga ko ahubwo uwo mugabo yokurikiranwa ku mahera yari amaze imisi atozwa mu ma komine yose agize intara, bivugwa ko ari ayo guterera uwo mugwi Les Crocos.

Ibindi bisa n'ibi