1.Abagabo babiri barapfuye abandi indwi barakomereka, baguweko n’uruhome rw’isengero ya katorika yariko irubakwa . Ivyo vyabaye ku muhingamo wo kuruyu wa gatanu ku mutumba Butegeye uri muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro. Amakuru dukura muri iyo komine ya Nyabihanga atumenyeshako ivyo vyaturutse ku mvura nyinshi ivanze n’umuyaga yariko iragwa. Mu ntwaro no mu gipolisi baremeza ayo makuru, bakavugako abakomeretse baciye bajanwa kuvurigwa mu bitaro vyo mu Kibumbu biri muri komine Kayokwe muri iyo ntara nyene ya Mwaro. Abahuye niryo sanganya , bari basanzwe bariko barubaka iryo sengero .
2.Abantu batatu bahungutse barahagaritswe mundwi iheze n’umushikirizamanza mukuru w ’intara ya Makamba, kaba hari n’ abandi cumi 10 batekewe n’ubwoba bakaba binyegeje kugira ntibafatwe. Ivyo vyaturutse ku ndyane z’amatongo ziri hagati y’abasangwa hamwe n’abahungutse zasubiye kwaduka muri komine ya Nyanza lac iri mu ntara ya Makamba . Bivugwako abo bahungutse bagirizwa kuba baragararije ingingo zafashwe n’umugwi w’igihugu CNTB ujejwe gutatura amatati n’ayandi matungo.
3.Imigwi ine yo mu mupira w’amaboko baskeball y’abarundi baba mugihugu c’ububiligi , yahuriye i Liege kuno wagatandatu mururwo kino gwa basketball . Umugwi wi Liege watunganije ugwo rukino niwo watahukanye intsinzi. Ukaba watsinze umurwi wa Anvers kumanota 38 kuri 19. Ikibanza ca gatatu kikaba catahukanywe n’umurwi Urumuri wi buruseli watzinze umurwi Intare wi Louvain kumanota 35 kuri 22. Umurwi wi Liege ukaba waheruka gustinda Intare kumanota 51 kuri 44. Umurwi Intwari nawo muri Anvers ukaba waheruka gustinda bigoranye Umurwi urumuri kumanota 24 kuri 23. Izo nkino zikaba zikinwa n’abarundi basanzwe baba mugihugu c’ububiligi. Abatunganije izo nkino bakavuga ko bashitse kuco bifuza. Kurikira Jean Berchmas Bigirindavyi arongoye umurwi wi liege .
4. « Kw’īsôko » : Ingingo nshasha ziherutse gusubirwamwo mw’itegeko rigenga ubutare ryo kuwa 15 Gitugutu umwaka 2023, mubijanye no gukorera mu muco murico gisata.
5.Amakuru makuru makuru yanditswe n’ibimenyeshamakuru .