I. Abasirikare b’Uburundi baheruka kugomborwa bava mu gihugu ca Somaliya baridoga ko bashitse bakoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare, ihabwa abasirikare bashasha bacinjizwa igisirikare. Iyo myimenyerezo bo babonako isa n’iyobasamaza kuko ubutumwa bari bakeneye bwari ubwo kumenya ryari bazoronka agahembo kabo bakoreye mu gihugu ca Somaliya. Ni mu gihe haheze amezi arenga 11 abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya bataronswa agahembo kabo.
II. Umugabo w’imyaka yababa 60 yitwa Kimazi Abdallah yaraciriwe igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose na Sentare Nkuru y’igihugu y’i Muyinga, mu ntango y’ino ndwi, inyuma yo kwagira icaha co gufata ku nguvu utwana tw’udukobwa 6, turi munsi y’imyaka 10, nkuko amakuru atandukanye radio Inzamba yaronse avyemeza. Kimazi Abdallah akaba kandi yategetswe n’iyo Sentare gutanga indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni 12 mu mafaranga y’Uburundi ku bavyeyi b’abo bana, umuryango umwe ugatwara amafaranga 2.000.000. Kimazi atarishe ayo mahera ngo akazofungwa umunyororo w’agatsindikiro w’imyaka 60.
III. Abantu 27 nibo bagandaguwe, abandi barenga 20 barahagarikwa mu kwezi guheze kwa Munyonyo. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu, n’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi. Augustin Nimubona, akora mu gisata co kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, asigura ko amabi akorwa ahanini n’urwaruka rw’imbonerakure bamwe mu bapolisi n’inzego za leta. Muri ACAT Burundi bagasaba abajejwe umugwi w’agateka ka zina muntu mu Burundi gukoresha ububasha bafise kugira baharanire agateka k’abanyagihugu.
IV. Abagore bafatwa ku nguvu barakwiye kuva mu gacerere bakabivuga ku neza yabo. Ica mbere n’uko iyo bimenyekanye uwabikorewe atabarizwa kugira ashobore kwivuza, ikindi na co n’uko n’ababikora baca bakwirikiranwa. Ivyo biri mu nyigisho umuhari w’abigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi bahaye abakenyezi b’impunzi baba mu gihugu c’Urwanda. Immaculée Hunja arongoye uyo muhari, akaba atera akamo ababijejwe kwama batunganiriza ababa bakorewe bene ayo mabi. Izo nyigisho zikaba zatanzwe mu rukurikirane rw’imisi 16 ihariwe kurwanya amabi afatiye ku gitsina.
V. Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru iwacu barakwije imisi 410 bafungiwe mw’ibohero rya Bubanza. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.
VI. Impunzi z’abarundi ziheruka kwimurirwa mw’ikambi y’i Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, zirataka zitakamba ko zoronswa ibifungurwa n’uburaro. Zivuga ko zirara mu kivunga, zigaterwa n’amazi y’imvura.
VII. Amafaranga arenga imiriyoni amajana atanu niyo amaze kunyuruzwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta. Ishirahamwe Olucome rigwanya isesangurwa ry’amatungo ya leta rikaba ryandikiye umukuru w’igihugu, rimusaba gutegeka ko haba amatohoza yigenga kuri ubwo bunyonyezi. Iryo shirahamwe rigatunga urutoke bamwe mu bakozi bakuru bwo mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta, kuba baragize uruhara muri ubwo bunyonyezi.