I. Umukenyezi yitwa Pelagiya Rugoke yaraye yishwe arashwe. Ivyo vyabereye muri komine Rutovu y’intara ya Bururi. Uwamwishe ntiyashoboye kumenyekana nkuko amakuru avayo abimenyesha. Bakaba bamusanze aho asanzwe adandariza.
II. Umwigeme umwe yiga muri kaminuza, wo muri komine n’intara ya Bururi ari mu minwe y’inyamiramabi kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu. Amakuru ava aho i Bururi avuga ko yagirizwa kuniga umwana yavyaye, akamuta mu kazu ka surwumwe. Ababanyi biwe bakaba basaba ko yohanwa hisunzwe amategeko.
III. Nta gakuru k’abanywanyi babiri b’umugambwe CNL bafatiwe mu ntara ya Ngozi. Olivier Nkurunziza na Vénant Ndahabonimana bafashwe umwe ku wa gatatu, uwundi ku wa kane w’iyi ndwi, n’abantu bambaye umwambaro w’igipolisi nk’uko ababibonye bavyemeza. Nta nsiguro n’imwe yahawe imiryango yabo. Abavuganye na Radiyo Inzamba bavuga ko batinya ko bashobora kugirirwa nabi.
IV. Abakozi ba leta nta nyungu z’igihugu bagishira imbere, ikintu cose umuntu akoreramwo arondera ico agikuramwo, gutyo akageso k’igiturire kakigaragaza mu nzego nka zose za leta. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, inyuma yaho hagaragaye amanyanga mu bushikiranganji bw’ubudandaji, mu vyerekeye itegurwa ry’urugendo rw’i Dubai muri Emirats Arabes Unis, ahariko habera ihayanishwa mpuzamakungu. Kubwa Faustin Ndikumana, no mu biro vy’umukuru w’igihugu, akazi gatunganijwe nabi kuko ntawakurikiranye neza itegurwa ry’urwo rugendo.
V. Mu ntumbero y’iminsi 16 yahariwe kurarika no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, ikiganiro Kw’īsôko c’uno musi kiza kugaruka kukudashobora kwigenga mu vy’ubutunzi ku ruhande rw’umukenyezi, ingene bishobora kuba intandaro y’amabi atandukanye akorerwa.