I. Capitaine François Niyonkuru yaraye yirukanywe mu gisirikare c’Uburundi n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Yagirizwa kugira inyifato itabereye nk’intwazangabo. Abazi François Niyonkuru bamuzi nk’umuntu yagirizwa ivyaha vyinshi bisinzikaza kiremwa muntu, ariko igihe cose ntiyigeze abibazwa. Uruganda rwa radiyo Inzamba twashimye kugaruka kuri bimwe bimwe mu vyo yagiye aravugwamwo.
II. Ubwo butungane basaba mu mwaka wa 2021, bwiziziwe n’abategeka bakongera bagakora amabi. Ivyo vyatumye abakora ayo mabi bakingirwa kugira ntibahanwe ku vyaha bitandukanye. N’umwihwezo w’umushingwamanza Vital Nshimirimana. Muri uno mwaka mushasha, uyo yanonosoye ibijanye n’amategeko, asaba abacamanza gukubitiza agatima mpembero ku ndahiro barahiye binjira muri ico gisata, ko bazokuzuriza abarundi bose atawubahagaze ku gitugu.
III. Abantu 28 nibo bishwe, 2 baraburwa irengero, 14 nabo barahagarikwa hadakurije amategeko hamwe n’abantu 21 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi gisohoka buri kwezi. Kubwa Augustin Nimubona ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego bafashijwemwo n’igipolisi. Augustin Nimubona asaba ubutegetsi kugira amatohoza ku bantu bagize imisi batorwa ibiziga hamwe no kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu.
IV. Hazindutse uruhagarara mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya kuri uno wa gatatu. Igipolisi gifadikanije na bamwe mu barongoye ikambi batemaguye imirima iri mw’ikambi igizwe aha nini n’ibitoke n’amateke. Ico gipolisi caciye kigirako kibomora aho batereka ibidandazwa mu dusoko duto duto turi muri iyo kambi. Amakuru dukura ngaho i Nyarugusu amenyesha ko itegeko ryoba ryavuye ku mukuru w’igihugu ca Tanzaniya. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi ariyamiriza ako gatotezo kariko gakorerwa impunzi z’abarundi.
V. Abasirikare bamaze umwaka bari gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya baridoga ko baheraniwe amafranga y’agashirukabute. Abo basirikare bari mu makambi atandukanye bavuga ko baheraniwe hagati y’amezi indwi n’ukwezi kumwe. Uwugize arabaza ibijanye n’ivyo birarane vy’ayo mafranga afatwa nk’umwansi wa leta y’Uburundi.
VI. Akamo k’abarimyi b’umuceri b’i Gihanga mu ntara ya Bubanza gasa n’uko kumviswe. Abarongoye amashirahamwe yabo bane mu bagirizwa kuba baranyuruje amafranga baratawe mu mvuto kuva mu kwezi kwa Kigarama guheze. Ariko abo barimyi b’umuceri basaba ko amafranga yanyurujwe yogarurwa, kandi hagakurikiranwa n’abandi bakoze ico caha bacidegemvya.
VII. Gusuzuma bikwiye ni vyo bikenewe gukorwa mu ntumbero yo gutohoza umugambi washizweho na leta wo gushiraho amatara muri zone Muyange komine Nyanza-lac, iri mu ntara ya Makamba. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME. Ni mu gihe abanyagihugu bo muri iyo ntara basaba leta kubatunganiriza kuko abari bashinzwe uwo mugambi banyuruje amafranga yatanzwe n’ikigega FONIC. Ku bwiwe biratangaje kubona hariho inzego ziserukira abanyagihugu zidashira ahabona imigambi ya leta itariko irakorwa neza, na cane cane abashingamateka.
VIII. Ubushikiranganji bw’ubudandaji busaba ishirahamwe rihingura isima BUCECO gusubira kwihweza ingingo yo kuduza ibiciro vy’ico kidandazwa, nk’uko vyari vyaramenyeshejwe n’iryo hinguriro BUCECO. Mw’itangazo ryasohotse kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji w’ubudandaji Marie Chantal Nijimbere amenyesha iryo hinguriro ko risanganywe uturusho twinshi mu bijanye n’amakori n’amatagisi, ko rero iryo duzwa giturumbuka ry’igiciro c’isima isanzwe ikenerwa cane na benshi ari ukunaniza abanyagihugu.
IX. Ikibazo c’ukutaronswa impapuro z’inzira ku gihe mu biro biraba ibijanye n’imbibe PAFE, ngo vyatewe n’ubwinshi bw’abazisaba kuva mu mezi aheze. Izo nsiguro zitangwa n’uwurongoye PAFE mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Commissaire Maurice Mbonimpa ariko arahumuriza abasaba izo mpapuro z’inzira ko gushika mu mpera za kuno kwezi kwa mbere, ico kibazo kitazoba kikiriho.