-
Abanyagihugu bo muri komine Giharo mu ntara ya Rutana basaba ko abagandaguye Josué Iraganje batokingirwa ikibaba. Ivyo babivuga mugihe bamwe mubajejwe intwaro hamwe na bamwe mu ndongozi za CNDD FDD batanguye gusa n’abakingira bamwe mubakoze iryo bara.
-
Imyidogo ni yose mubadandaza barangura ibitoro mw’ishirahamwe Regideso. Bavuga ko igitoro kiboneka ata ngorane zibaye arico mubwoko bwa essence aho abakirondera bakironka hakurikijwe intonde zingene baje baraza kwiyandikisha. Ariko kubitoro vya mazout ngo siko biri kuko gitangwa hakoreshejwe ikimenyane. Basaba ko ivyo bintu vyohagarara.
-
Ibikorwa vyo gusanura Stade UMUCO yo mu ntara ya Muyinga yabomotse kuri uno wa kane ngo vyoba bigiye gutangura mu misi mikeyi iri imbere. Amakuru ava muri iyo ntara atumenyesha ko ikigo ARB gisanzwe cubaka amabarabara muri iyo ntara , cemeye gusanura igice cico kibuga. Abanyagihugu basaba ko ivyo bikorwa vyo kugisanura vyonyaruka.
-
Ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse kwagiriza igihugu c’u Rwanda ko gishigikira umuhari urwanya u Burundi Red Tabara, ngo ntashingiro bifise. Bishikirizwa na Chauvineau Mugwengezo. Kubw’uyo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, ngo Evariste Ndayishimiye ariko arondera inyendamuvano kuko vyamunaniye gutunganya ibibazo bimuhanze ngwabironkere inyishu.
-
Gushiraho umugwi mushasha w’abanya politike nivyo bishobora gutuma haba akarusho mugihugu c’uburundi mugushiraho imigambi iteza imbere abarundi n’igihugu. Ivyo ni bimwe muvyashizwe imbere n’umugambwe Fraternité des patriotes Ineza umugambwe mushasha uherutse kwemeregwa gukora mu Burundi. Francis Rohero awurongoye asigura ko mu migambi yabo muruwo mugambwe ari kuvukanisha abarundi bose kugira bagwanye ibibatandukanya. Kubwiwe Ivyo navyo bikazotuma uburundi buronka kazoza keza kubera umubano mwiza hagati y’abarundi bose.