Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/02/2020

Publié le 5 février 2020 par Rédaction

I. Kuri uno wa 5 Ruhuhuma 2020 ; Uburundi niho bwahimbaza imyaka 29 iheze habaye amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Mw’ijambo Petero Nkurunziza yashikirije abarundi, yamenyesheje ko imbere y’uko intwaro y’umugambwe CNDD- FDD iza muri 2005 ; ubumwe bw’abarundi bwavugwa mu majambo gusa. Umukuru w’umugambwe CNDD, Léonard Nyangoma avuga ahubwo ko intwaro ya Petero Nkurunziza ariyo yaje gusubiza inyuma ubumwe bw’abarundi. Iyo ntwaro ngo ntakindi ikora atari kubiba urwanko n’amacakubiri hagati y’abarundi.

II. Léonard Nyangoma aranegura kandi amacakubiri mu vya politike ; aho usanga umugambwe uri ku butegetsi urangwa no gukumira iyindi migambwe.

III. Bamwe mu barundi bahunze, bari mu bihugu bitandukanye, bamenyesha ko ari akamaramaza kwumva ubutegetsi bwubahuka kuvuga ko ubumwe buhari hagati y’abarundi, mu gihe bamwe bangajwe, abandi nabo bakicwa. Ngo ni mugihe kandi uguhohotera kiremwa muntu bisigaye birenze urugero.

IV.  Abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulaya mu Burundi barashimishwa n’intambwe igezweko mu kwitegurira amatora yimirije, muri Rusama umwaka w’2020. Bagasaba ko yoba amatora meza, kandi ahurikiyemwo bose. Mu mugambwe MSD, bavuga ko iyo ari imvugo ya politike y’imigenderanire n’ibihugu. Basaba ishirahamwe rya Bulaya kuva mu vyifuzo, bagafata ingingo zibereye kugira ayo matora aze abe meza nkuko bavyifuza.

V. Abantu boba bagizwe na bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure barashatse guturira inyubakwa izoba ingoro y’umugambwe CNL, mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri, muri komine Nyanza Lac. Abanywanyi b’umugambwe CNL bari bacunze iyo ngoro bakaba barabatesheje, nabo mu guhunga bakaba bahasize imipira y’umugambwe CNDD-FDD, hamwe na bimwe muvyo bari gukoresha mu guturira iyo nzu.

VI. Igikorwa kiriko kirakorwa n’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira, cahavuye kiba igikorwa co gufukira ubwicanyi bwakozwe n’umugambwe CNDD-FDD kuva ukija ku butegetsi. Ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko AC Génocide Cirimoso, igisata ca CANADA kiriyamiriza uko gukoresha umurwi wari washizweho kugira unywanishe abarundi mu gihe wari ugifise igisata c’ubutungane. Ivyo bikaba biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa gatatu, aho Emmanuel Nkurunziza yemeza ko uwo murwi CVR, uriko kandi uriyamamariza umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije, kuko ariwo mugambwe wahaye akazi abakora muri CVR. Emmanuel Nkurunziza, arongoye AC Genocide Girimoso igisata ca Canada.

VII. Inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa yuguruye mu ntahe y’icese urubanza rukurikirana abaharanira agateka ka muntu mu Burundi, ishirahamwe mpuzamakungu rigwanya ihohotera ry’agateka ka muntu OMCT ryandikiye uwurongoye sentare ntahinyuzwa, rimwereka amahinyu ari muri urwo rubanza. Muri urwo rwandiko, abashingwamanza 16 bahurikiye muri SOS Torture Afrique, bagaragaza ko abagirizwa muri urwo rubanza bose bahuriyeko ari impunzi, ata bubasha bafise bwo kwitaba sentare zo mu gihugu bahunze bavamwo. Abo bashingwamanza bo muri iryo huriro, batinya kandi ko sentare ntahinyuzwa y’Uburundi idashobora gukingira amategeko agenga uwuburanira abo baharanira agateka ka muntu, mu gihe itegeko ry’Uburundi ridategekanya ko sentare yoba irabangira kw’i dosiye mu kurindira ko abagirizwa bataha mu gihugu. Abo bashingwamanza berekana kandi impungenge bafise kuri sentare ntahinyuzwa y’Uburundi ishobora guca urubanza rw’abo baharanira agateka ka muntu ata n’umwe abanje kumvirizwa n’umushikirizamanza. 

VIII.  Uno munsi ugize uwa 107, bagenzi bacu bane b’ikinyamakuru Iwacu bari mu buroko, mu ntara ya Bubanza. Bakaba baherutse guciribwa umunyororo w’imyaka 2 n’amezi 6 hamwe n’ihadabu y’umuliyoni umwe ku muntu umwe umwe. Amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu be n’ayabamenyeshamakuru  yarababajwe n’iyo ngingo kuko ari iyibandanya ihonyanga ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi.

IX. Abasirikare bane b’u Burundi nibo boba baraguye mu gitero cagizwe n’umuhari wa Alshabab urwanira muri Somalia. Umuhari Alshabab urwanya leta ya Somalia, ukaba wabishikirije kuri uyu wa kabiri, abo basirikare ngo imodoka barimwo yatewe umutego w’igisasu mu karere ka Bourne mu bumanuko bwa Somalia mu ntara ya ShaBelle. Ayo makuru akaba yemezwa n’ikigo c’abanyamerika gisanzwe gitohoza amakuru ajanye n’iterabwoba.

X. Amazu arenga 20 niyo yabomowe n’imvura  yaguye kuri uyu wa  kabiri mw’ikambi y’impunzi  ya Mulongwe iri muri Republika iharanira demokarasi ya congo. Impunzi zisaba kugarukirwako na rirya imvura yatasuye batabona aho bakika umusaya muri ibi bihe.

XI. Urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka ka zina muntu mu mpunzi z’Abarundi, rurahagaritswe umutima n’ingingo iheruka gufatwa n’abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya yo kudaha ubuhungiro Abarundi 1000, baherutse guhungira muri ico gihugu. Urwo runani rugasaba Leta ya Tanzania kwubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi, ico gihugu cateyeko igikumu. Léopold Sharangabo, n’icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR.

XII. Abantu 21 barishwe ; 3 baranyuruzwa ; 8 bakorerwa ivya mfura mbi ; 65 nabo barahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo ni ibiri mu cegeranyo c’ukwezi kwa mbere, umwaka wa 2020, cakozwe n’ishirahamwe  riharanira agateka ka zina muntu ITEKA. Iryo shirahamwe  riranegura ko kuri ubwo bugizi bwa nabi, ata matohoza aba. Andrée Nsabimana ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo muhari arabidusigurira.

Ibindi bisa n'ibi