Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/03/2021

Publié le 5 mars 2021 par Rédaction
I. Iradiyo RPA yahuye n’amakuba menshi mu myaka imaze ikora, abamenyeshamakuru bayo baratotejwe, barapfungwa mbere n’iradiyo irugarwa. Ivyo vyavuye ku butegetsi bubi buhonyanga agateka ka zina muntu  n’inyungu z’abanyagihugu iyo radiyo isanzwe ishira imbere. Uko niko bisigurwa na Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA mu gihe kuri uno wa 5 Ntwarante 2021, iyo radiyo irumanije imyaka 20 ikora. Bob Rugurika asaba abakunzi ba RPA be n’abarundi bose kubona ko ibibazo vy’ubukene, ubwicanyi n’ayandi mabi bakorerwa, bifitaniye isano n’ibibazo abamenyeshamakuru bagiye barahura.
II. Ishavu ni ryinshi mu bandandaza bo mw’isoko y’intara ya Kirundo, kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, imirimo yabo yahagaritswe kubera ibikorwa vyo kwubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD. Amakuru ava muri iyo ntara yemeza ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa kabiri, abanyagihugu bose bo muri iyo ntara batozwa ku nguvu amahera y’intererano yo kubaka iyo ngoro y’umugambwe uri kubutegetsi.
III. Abari mu mashirahamwe yo kunguruza abantu nta burenganzira bagifise bwo gutoza amahera mu bituro. Iyo ngingo yafashwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu nama yagiranye n’abaserukira ayao mashirahamwe. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, ngo iyo ngingo ni nziza ariko arerekana ko hari ivyo ubushikiranganji butatanzeko umuco.
IV. Abantu 10 nibo bamenyekanye ko barwaye umugera wa Corona mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu mpera z’indwi iheze. Ivyo bitigiri vyavuye mu bipimo vyakozwe ku bakozi b’ibohero na bamwe mu banyororo. Muri abo 10, 3 n’abanyororo, 7 nabo bagizwe n’abakozi b’ibohero hamwe n’abajejwe ivuriro ryo ngaho mu Mpimba. Ubuyobozi bwaciye bufata ingingo yo guhagarika imanza zose mu kiringo c’indwi zibiri, ariko bikaba bitanezereje abanyororo. Bakaba bidoga ko isuku risanzwe atako ryifashe muri iryo bohero, kubera ibitigiri vy’umurengera.
V. Urunani COSSESONA ruhurikiyemwo ama sendika y’abigisha  ruratewe umutima uhagaze n’ingingo yo gukukuruka ku myaka 60 ku bakozi ba leta, harimwo abigisha. Mu rwandiko urwo runani ruherutse gusohora ; rubonako hamwe iyo ngingo yoshirwa mu ngiro ; yogira ingaruka mbi cane ku miryango y’abo bakukuruke. Urunani COSSESONA rugasabako imyaka yo gukukuruka yogumizwa ku myaka 65.

Ibindi bisa n'ibi