Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/03/2022

Publié le 5 mars 2022 par Rédaction
I. Adjudant-Chef Mévin Nduwimana abiwe basanze ikiziga mu buruhukiro bw’ibitaro Prince Régent Charles ku musi wa gatatu. Yishwe n’iperereza rya gisirikare nk’uko amakuru ava mu biro bikuru vya gisirikare avyemeza. Intwazangabo bakorana yari imaze igihe imwinuba imwagiriza ko yoba asohora amabanga yo mu biro bikuru vya gisirikare yakorera. Abasirikare bari kumwe kuri COTEBU aho aherukwa ubwa nyuma, nta n’umwe arahamagarwa ngo abazwe ku bijanye n’urupfu rwiwe.
II. Charité Nduwayo umwana w’imyaka icenda yari amaze indwi zitatu apfungiwe mw’ikambi y’abasirikare yo mu Gatumba, yararekuwe ku mutaga wo kuri uyu wa kane uheze. Itegeko ryo kumurekura ryatanzwe na lieutenant-colonel Mbonyiyeze arongoye ikambi y’ ijana na cumi na rimwe (111) yo mu Gatumba. Yari yafashwe yagirizwa ko ikinga yahora akoresha mu kwahira ivyatsi vy’inka za Général-Major Jean Paul Habimana batazira Bishinga ryibwe, akaba yakekwa kubigiramwo uruhara. Charité Nduwayo akaba avuka ku mutumba Mugomera wa komine n’intara ya Muramvya.
III. Imyaka 21 irarumanye kuri iri genekerezo rya 5 Ntwarante 2022, iradiyo y’abanyagihugu RPA ivutse. Iyo myaka yose yabaye akaryo keza k’urukundo hagati y’umwuga wo kumenyesha amakuru n’abarundi bakunda iradiyo RPA, nk’ukwo bisigurwa n’umuyobozi w’iyo radiyo. Bob Rugurika avuga ariko ko iyo myaka 21 RPA imaze, yahuye n’ingorane na cane cane yagumye yugarwa n’ubutegetsi bw’Uburundi co kimwe n’ipfungwa rya bamwe mu bamenyeshamakuru bayo. Bob Rugurika akaba ashimira cane abamenyeshamakuru ba RPA babandanije kwitanga kugira abarundi babandanye kumenya ibiriko biraba mu gihugu c’Uburundi, naho bomowe mu gihugu cabo n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
IV. Kuva mu mwaka wa 2005, umugambwe CNDD-FDD wari wiyemeje kugabanya ubukene mu gihugu, ariko ntiwigeze ubishikako kubera intwaro mbi yawo. Biri mu cegeranyo casohowe muri uku kwezi n’ishirahamwe Partners For Peace And Prosperity, rifise ijambo mu nama ijejwe ubutunzi n’imibano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ku bw’iryo shirahamwe, igihugu c’Uburundi cagiye gitunganywa nabi mu vy’ubutunzi, amatungo ya leta asesagurwa, igiturire naco kiba akaranda. Risaba leta kwitaho intwaro ibereye mu gukoresha ibihari mu vy’ubutunzi.
V. Mu vyo kandi umugambwe CNDD-FDD wananiwe gushikako harimwo n’uko igisata c’indero kigeze aho umwansi ashaka mu Burundi. Ukwo nikwo umuhari MAP Burundi–Buhire ubibona. Ukabivuga inyuma y’isekeza ry’indwi zibiri uherutse gutunganya kuri ico kibazo c’indero. N’uno musi mbere uwo muhari ukaba wanatunganije ikiganiro kuri ico kibazo, hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi. Umuhari MAP Burundi–Buhire usaba abo bose barabwa n’ikibazo c’indero guterera, kugira ngo inyigisho mu mashure zisubire zironke akanovera. Professeur Libérat Ntibashirakandi avugira uwo muhari.
VI. Umukozi wese wa leta agiye gushirako igikumu ku mategeko y’akazi amugenga, mu ntumbero yo kugwiza umwimbu. Ivyo akaba ari bimwe mu vyashikirijwe mu nama yabaye mu mwiherero, yahuje umukuru w’igihugu na bamwe mu ndongozi zose zatowe, yamaze iminsi ibiri mu gisagara ca Gitega. Nk’uko umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi abishikiriza, hakaba hafashwe n’ingingo nshasha zijanye  n’ukunagura imigenderanire myiza hagati y’abanyagihugu n’ababarongoye, hamwe n’ingene ubutunzi bugiye kunagurwa mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.
VII. Ikigabane Kw’isôko c’uno musi kiza guhagarara ku ntererano z’abakenyezi bari mu nzego zifata ingingo mu gihugu, iminsi itatu imbere y’ukwo hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi

Ibindi bisa n'ibi